IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Rumonge : Fondation NSENGIYUMVA yatanze amakaye ku banyeshuri ba ntaho (...)

Rumonge : Fondation NSENGIYUMVA yatanze amakaye ku banyeshuri ba ntaho nikora

samedi 16 Nyakanga 2017

Ayo makaye yahawe abana 120 bo mu Gitaza ,Komine Muhuta, i Magara muri Komine Bugarama, no muri zone Minago muri Komine Rumonge , umwana wese akaba yaronka amakaye, ikaramu, n’agacamurongo.

John Chrinton NSENGIYUMVA arongoye Fondation NSENGIYUMVA Global Development amenyesha ko igikogwa co gutanga amakaye ku banyeshuri bava mu minyango ya bantahonikora catanguranye neza neza n’umwaka wa 2013 mu ntumbero yo gushigikira Leta mu mugambi wayo wo kwigisha abana ku buntu mu mashure yintango.

John Chrinton NSENGIYUMVA ati :’’Uwu mugambi waje kugira ufashe abana bo mu miryango ifise amikoro make kugira bashobore nabo kuronka ibikoresho vy’ishure hanyuma ntibasigare inyuma yabandi mu mugambi wa Reta wo kwiga ku buntu kuri bose.’’

Ku kibazo co kumenya nimba hataba ikibazo co gutora abana bahabwa amakaye, John Chrinton NSENGIYUMVA arongoye Fondation NSENGIYUMVA Global Development (NGD ) avuga ko vyoroshe kuko Fondation NGD mugisata cayo c’Inkino, hari n’ishuri ryigisha umupira w’amaguru "Star Football Academy" abana, aho naho akaba ariho barabira abana kuko beregereye imiryango cane iba mu micungararo bakoreramwo.

Umukuru wa Fondation NSENGIYUMVA Global Development avuga ko bafise imigambi ikiri mu nteguro iyo nayo ikaba ari iyo gukorera mu gihugu c’Uburundi cose, mbere bakajabuka n’imbibe gushika mu bihugu bibanyi vy’Uburundi.

Avuga ati : Imigambi irahari kandi nyinshi twipfuza gukorera mu gihugu c’uBurundi co kimwe no mu bihugu duhana imbibe kuko vyinshi biraboneka ko bikenewe gukogwa ariko biracari mu nteguro. Mu Burundi, uravye ibihe kino gihugu cacu caciyemwo, ntawokekeranya ko ivyokorwa ari vyinshi kugira umurundi yiteze imbere.

Rero turi mu migambi kandi turizeye ko mu minsi iri imbere Abarundi benshi bazoshora gushikigwa n’ibikogwa vya Fondation NGD.

Umukuru wa Fondation NSENGIYUMVA arashimira ababandanya babashigikira mu buryo butandukanye , agasaba kandi umuntu wese afise ico yoterera ari mu vyiyumviro, mu bikogwa, canke muntererano z’uburyo ko yobikora kuko imiryango iruguruye.

Fondation NSENGIYUMVA NGD yatanguye ibikogwa mu mwaka wa 2008. Mu mwaka uz wa 2018 izohimbaza imyaka 10 iheze ikora.

Fondation NGD (nsengiyumva.org) isanzwe ikora ibindi bikogwa mu bisata bitandunye nko kunonora imitsi,kumenyesha amakuru no gufasha ba ntaho nikora.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.