Accueil > Amakuru > u Burundi > Ruyigi-Bwagiriza: Umushikiranganji w’intwaro hagati mu gihugu asaba impunzi (...)
Ruyigi-Bwagiriza: Umushikiranganji w’intwaro hagati mu gihugu asaba impunzi kwubaha amategeko azigenga
samedi 5 Myandagaro 2017
Mu rugendo yagize muri iyo kambi,umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE yavuze ko hariho impunzi z’isohoka ikambi ata ruhusha zifise zikaja kurondera ikarata ndangamuntu y’Uburundi kandi batabifitiye uburenganzira.
Pascal BARANDAGIYE yagasbishije abafasha izo mpunzi kuronka amakarata karangamuntu ko bazobihanirwa vy’akarorero,aca asaba amashirahamwe HCR na ONPRA guhana impunzi zikoresha karangamuntu y’Uburundi.
Ku mpunzi zitwara nabi, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukunda igihugu guhagarika amategeko agenga impunzi, ku bakozi babifisemwo uruhara asaba ko bahagarikwa mu kazi.

Ikambi y’impunzi y’i Bwagiriza irimwo impunzi 9468 ziva mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.
MUGISHA Van Naris