IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ruyigi : Umumenyeshamakuru wa Radiyo Isanganiro yankiwe gusubira gukora (...)

Ruyigi : Umumenyeshamakuru wa Radiyo Isanganiro yankiwe gusubira gukora amakuru y’iyo ntara

mercredi 7 février 2018

Jean Claude NSHIMIRIMANA, umumenyeshamakuru wa Radiyo Isanganiro mu ntara ya Ruyigi, yari yatumweko mu biro vya buramatari mu gatondo ko kur’uyu wa gatatu, igenekerezo rya 7 Ruhuhuma 2018.

Amakuru dukesha urubuga rwa twitter rwa radiyo Isanganiro, amenyesha ko amaze kwumvirizwa na buramatari, Jean Claude NSHIMIRIMANA yasohotse, ahawe itegeko ko ata nkuru n’imwe yo mu ntara ya Ruyigi yosubira kuvuga.

Intandaro yo gutumwako na buramatari w’intara ya Ruyigi, ni inkuru yaciye mu makuru yo kuri radiyo Isanganiro, aho yavuga ku bijanye n’amafaranga ariko aratozwa mu bigisha n’abayobozi mu ntara ya Ruyigi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.