IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Rwanda : Impunzi z’abarundi 33 mu zavuye muri Kongo ziri mu minwe (...)

Rwanda : Impunzi z’abarundi 33 mu zavuye muri Kongo ziri mu minwe y’igiporisi

jeudi 29 mars 2018

Amakuru dukesha ikinyamakuru IGIHE gikorera mu gihugu c’Urwanda, amenyesha ko igiporisi c’Urwanda kibicishije ku rubuga rwaco rwa Twitter, camenyesheje ko muri abo bahagaritswe harimwo 31 bo mw’ikambi nfatakibanza ya Gashora mu Karere ka Bugesera ; umwe wo mw’ikambi y’i Nyarushishi mu Karere ka Rusizi n’uwundi umwe wo mw’ikambi y’i Muyira mu karere ka Nyanza.

Ayo makuru amenyesha ko, igiporisi c’Urwanda cavuze ko icaha izo mpunzi zakoze gihanwa n’amategeko kuko ari ugushira mu kaga izindi mpunzi.

Naho igiporisi kitashize ahabona uko izo mpunzi zabikoze, amakuru ava mu gihugu c’Urwanda, amenyesha ko izo mpunzi ziva mu makambi yashikiyemwo impunzi z’abarundi zirenga 2500 zaje mu Rwanda zivuye muri Repubrika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo.

Abayobozi mu gihugu c’Urwanda, bamenyesheje ko, kuva bagishika mu gihugu c’Urwanda, izo mpunzi z’abarundi zerekanye inyifato idasa n’iy’abandi, kuko banse gufungura ibifungurwa canke gukoreshaimiti yakorewe mu mahinguriro.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.