Accueil > Amakuru > u Burundi > Rwanda : Impunzi z’abarundi zavuye i Kamanyola zatanguye kwimurirwa mu (...)
Rwanda : Impunzi z’abarundi zavuye i Kamanyola zatanguye kwimurirwa mu makambi y’impunzi
mardi 20 mars 2018
Hari haheze indwi zibiri impunzi z’abarundi zirenga 2500 zavuye muri Repubrika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo mw’ikambi y’impunzi y’i Kamanyola, bivuye ku mvo z’umutekano.
Umuhanuzi mu bushikiranganji bw’impunzi no gukinga ibiza mu gihugu c’Urwanda, yavuze ko izo mpunzi zimuriwe mu kindi kibanza kuko aho bahora hatari hafise ububasha bwo kwakira impunzi nyinshi.
Uwo muhanuzi yavuze ko igikorwa co kwimura izo mpunzi z’abarundi kizobandanya, bakajanwa mu yandi makambi y’impunzi azobonekamwo ibibanza.
Ku bijanye n’uko zimwe muri izo mpunzi zisunze ivyo zemera zanse gufungura bimwe mu bifungurwa, umuhanuzi mu bushikiranganji avuga ko Reta ibandanya kugiriranira ibiganiro nazo kugira zemere infungurwa zose n’imiti izindi mpunzi zihabwa.
MUGISHA Van Naris