IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS-TORTURE: 5 barishwe,12 barafatwa mu kiringo c’indwi imwe (...)

SOS-TORTURE: 5 barishwe,12 barafatwa mu kiringo c’indwi imwe gusa

lundi 23 Nzero 2017

Ishirahamwe SOS-TORTURE rimenyesha ko abantu 5 bishwe abandi 12 barahagarikwa mu kiringo c’indwi imwe gusa ,kuva kw’igenekerezo rya 14 gushika kw’igenekerezo rya 21 Nzero 2017.

Mu cegeranyo cerekana uko ibijanye n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu vyifashe,ishirahamwe SOS-TORTURE rimenyesha ko mu bahagaritswe benshi,harimwo abanywanyi b’umugambwe FNL utemewe n’ubutegetsi urongowe na Agathon RWASA.

SOS-TORTURE imenyesha ko abahagarikwa bose bahagarikwa hadakurikijwe amategeko ,kuko bahagarikwa ata mpapuro,kandi ata vyagiriji biboneka bituma abahagarikwa bahagarikwa.

Ico cegeranyo c’ishirahamwe SOS-TORTURE kimenyesha ko intara zibangamiwe n’ubwicanyi ari Bujumbura Rural na Cibitoke,aho mu Cibitoke ikibazo c’ubwicanyi vyanse ko cotorerwa umuti .

Ico cegeranyo kiragaruka kandi ku ngingo ya sentare isubiramwo imanza mu gisagara ca Bujumbura yo gukura mu rwego rw ;’abashingwamanza abashingwamanza batatu,n’uwundi umwe yahagaritswe mu kiringo c’umwaka.

SOS-TORTURE imenyesha ko ingingo ya sentare isubiramwo imanza mu gisagara ca Bujumbura yaje kwerekana ko ubutungane ari igikoresho co gucinyiza no kubuza kuvuga abo bose barwanira ubwigenge bwa kiremwa muntu n’intwaro rusangi.


IGIHE

Messages

  • Batanga Amakuru Kandi Bataba Muburundi . Abo Babaha Amakuru Boba Bahenda Naho ?

  • Mbese iyi mujeri iri kwifoto yitwa nde?? Mujeri ni mujeri koko. Zitekerereza mubisusu!!﷼﷼﷼:-$ :-$ :-$

  • Nema, wahora wibaza kwabamenyeshamakuru mwabahejeje?, nkubwire NEMA uburundi bwose bwuzuye abamenyeshamakuru,bakurikiranira hafi ibiriko birakorwa hano muburundi kumusi kumusi.

  • Erega ntituakenye! Ivyo vyo gukwiza ibihuha vyo gucafuza igihugu ntaho bizobashikana. None aho muri nta bantu bapfa? Si kw’isi? Mbe weho ntuzopfa? Warabuze akazi kweli.

  • Burya Abo Bagabo Haraho Bibazako Muburundi Atacabwenge Zihari, Murihahanze Yigihugu Musuvya Ababubamwo Kubona Ibihabera? Ubu Nokwiyumvira Ivyo Ndabarungikira Muca Mushira Kurubuga Ngo Nivyo? Nimwikebuke Ahandiho Muragowe.

  • Burya Abo Bagabo Haraho Bibazako Muburundi Atacabwenge Zihari, Murihahanze Yigihugu Musuvya Ababubamwo Kubona Ibihabera? Ubu Nokwiyumvira Ivyo Ndabarungikira Muca Mushira Kurubuga Ngo Nivyo? Nimwikebuke Ahandiho Muragowe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.