Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS-Torture: 10 barakomeretse, 8 basinzikarizwa agateka mu kiringo (...)
SOS-Torture: 10 barakomeretse, 8 basinzikarizwa agateka mu kiringo c’indwi
lundi 7 Myandagaro 2017
Muri cegeranyo isekeza SOS-Torture ryama risohora ku ndwi, SOS-Torture rimenyesha rigaruka ku mishamirano yabaye hagati y’abapfungwa n’abajejwe umutekano mw’ibohero rikuru rya Rumonge.
Nkuko biri muri ico cegeranyo, n’imiburiburi abantu 10 barakomeretse bakomerekejwe n’amasase yarashwe n’abaporisi, muri abo hakaba harimwo colonel Adrien KADENDE yakomeretse cane.
Isekeza SOS-Torture rimenyesha kandi ko agateka kahonyanzwe ku bantu umunani muri ico kiringo, muri abo bamwe bahagaritswe hadakurikijwe amategeko, abandi barahohoterwa.
Muri ico cegeranyo kandi isekeza SOS-Torture riragaruka kw’ihagarikwa rya Germain RUKUKI umunywanyi w’ishirahamwe ACAT Burundi, apfunzwe kuva kw’igenekerezo rya 13 Mukakaro 2017.
MUGISHA Van Naris