Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS-Torture : 4 barishwe, 8 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko mu kiringo (...)
SOS-Torture : 4 barishwe, 8 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko mu kiringo c’indwi
lundi 5 mars 2018
Nk ‘uko biri mu cegeranyo ca SOS-Torture gisohoka uko indwi iheze, muri abo bantu bitavye Imana, harimwo babiri biciwe muri komine ya Busoni, intara ya Kirundo, umwe muri abo akaba yari ahungutse bava mu gihugu c’Urwanda.
Isekeza SOS-Torture riragaruka kandi ku bwicanyi bwabereye mu ntara ya Gitega, aho uwurongoye umugambwe CNDD-FDD ku mutumba Mutoyi, yitavye Imana arashwe n’abasirikare babibiri bakorera ku kirindiro ku Mutoyi nyene.
Isekeza SOS-Torture riragaruka kandi kw’ikubagurwa ryagiriwe umumenyeshamakuru Desire SINDIHEBURA akorera ikinyamakuru IWACU,kw’igenekerezo rya 24 Ruhuhuma 2018, muri komine Giheta, intara ya Gitega, yagirizwa gutanga amakuru atariyo.
MUGISHA Van Naris