Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
SOS-Torture:7 barishwe, 6 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS-Torture:7 barishwe, 6 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko

SOS-Torture:7 barishwe, 6 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko

dimanche 27 Myandagaro 2017

Nkuko biri mu cegeranyo c’isekeza SOS Torture, abandi bantu 9 barakomeretse bakomerekejwe na gerenade, muri abo,isekeza SOS-Torture rimenyesha ko batatu ari abana bakomerekejwe na gerenade igihe bariko barayikinisha.

Muri ico cegeranyo,isekeza SOS-Torture riragaruka kandi ku kiziga c’umukenyezi azwi kw’izina rya Noella MASABARAKIZA catowe mu ruzi Jiji mu ntara ya Bururi, abiwe baza kumumenya inyuma y’iminsi ine.

Icegeranyo c’isekeza SOS-torture rigaruka kandi ku muganga asinziriza yakora ku bitaro vy’intara ya Makamba yahagaritswe na buramatari yagirizwa gusinziriza umuntu agaca yitaba Imana,aho yaciriwe gupfungwa imyaka 13. Isekeza SOS-Torture rikamenyesha ko yahagaritswe n’umuntu atabifitiye ububasha.

Isekeza SOS-Torture riragaruka kandi ku mutekano muke uvugwa mw’ikambi y’impunzi iri I Lusenda mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, aho isekeza SOS-Torture risaba igihugu ca Republika Iharanira Intwaro rusangi ya Kongo kugarukana icizere hagati y’impunzi n’abajejwe ubuzima bwabo ku munsi ku munsi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.