Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
SOS-Torture : 9 barishwe, 20 barahagarikwa mu kiringo c’indwi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS-Torture : 9 barishwe, 20 barahagarikwa mu kiringo c’indwi

SOS-Torture : 9 barishwe, 20 barahagarikwa mu kiringo c’indwi

lundi 14 Myandagaro 2017

Nk’uko biri mu cegeranyo c’isekeza SOS-Torture cama gishoka uko indwi iheze,mu bantu 9 bishwe bane batawe mu ruzi, abana babibiri nabo bahitanywe na gerenade, harimwo kandi umusirikare umwe wo mw’ikambi icungera inzego.

Isekeza SOS-Torture riragaruka kandi ku bantu 150 bahagaritswe mu gisagara ca Bujumbura bagizwe n’abana bo mw’ibarabara, abasegerereza hamwe n’abigeme n’abakenyezi badandaza umubiri.

Isekeza SOS-Torture riragaruka kandi kw’iyimurwa rya Colonel Adrien KADENDE ava mw’iboher rya Rumonge azana mw’ibohero rya Mpimba i Bujumbura,inyuma yo kuraswa n’umwe mu bajejwe gucungera ibohero rya Rumonge.

SOS-Torture rikavuga ko inyuma y’indwi arashwe, umuyobozi w’ibohero rya Mpimba yanse ko Colonel Adrien KADENDE ajanwa mu bitaro kandi akabagwa kugira bamukuremwo urusasu rwamuhezemwo.

Isekeza SOS-Torture rikamenyesha kandi ko ibiharuro vy’abapfungwa vyiyongereye kuva mu ntango z’ukwezi kw’umunani , aho mu kwezi kumwe gusa, abapfungwa 150 aribo binjiye mu mabohero atandukanye mu gihugu.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.