Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS-Torture : Abantu 11 barahagaritswe, 2 barasinzikarizwa ubuzima mu (...)
SOS-Torture : Abantu 11 barahagaritswe, 2 barasinzikarizwa ubuzima mu kiringo c’indwi
lundi 15 janvier 2018
Nkuko biri mu cegeranyo ca SOS-Torture gisohoka uko indwi iheze, muri abo 11 bahagaritswe harimwo ahanini abayoboke b’umushingamateka RWASA Agathon bafatiwe mu bice bitandukanye vy’igihugu.
Isekeza SOS-Torture rimenyesha kandi ko abo bayoboke b’umushingamateka Agathon RWASA bahagarikwa bagirizwa kuba bariko bigisha abanyagihugu kudatora ibwirizwa nshingiro.
Muri ico cegeranyo, isekeza SOS-Torture riragaruka kandi ku rupfu rw’umunyagihugu ava mu gihugu c’Urwanda,kuwa kane igenekerezo rya 11 Nzero 2018, muri komine Mabayi,arashwe n’abasirikare igihe yariko ajabuka yinjira mu Burundi.
Isekeza SOS-Torture riragaruka kandi ku buryo abahagarikwa mu ntara ya Rumonge bapfungwamwo, aho rimenyesha ko abenshi muri bo bapfungwa ata dosiye bafise, bigatuma bapfungwa ari benshi, mu kibanza gito.
MUGISHA Van Naris