Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS-Torture : Abantu 13 bishwe mu bice bitandukanye vy’igihugu mu kiringo (...)
SOS-Torture : Abantu 13 bishwe mu bice bitandukanye vy’igihugu mu kiringo c’indwi
lundi 16 Nzero 2017
Ishirahamwe SOS-Torture rimenyesha ko n’imiburiburi abantu 13 aribo bishwe mu bice bitandukanye vy’igihugu kuva igenekerezo rya 7 gushika kurya 14 Nzero 2017.
Nkuko biri mu cegeranyo c’ishirahamwe SOS-Torture,muri abo bishwe harimwo abashika 8 batowe ario ibiziga mu ruzi rwo muri zone ya Kanyosha,ya Komine Muha,mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura.
SOS-Torture imenyesha ko abajejwe intwaro baciye bihutira gushingura ivyo biziga batabanje gutohoza abo aribo, n’icatumye bicwa.Muri ico cegeranye ,SOS-Torture imenyesha kandi ko mu ntara ya Cibitoki ubwicanyi bubandanya kwiyongera,abicwa bakaba bagirizwa uburozi.
Ico cegeranyo ca SOS-Torture cerekana kandi ko abantu kuva kw’igenekerezo rya 7 gushika kurya 14 Nzero 2017,abantu bahagaritswe bongera barapfungwa n’urwego rw’iperereza.Muri abo harimwo intwazangabo mu gisirikare akiri mu kazi.
SOS-Torture igatangazwa n’ingene urwego rw’iperereza arirwo ruhagarika abasirikare bakiri ku kazi,kandi hariho igipolisi ca gisirikare hamwe n’urwego rucira imanza abasirikare bari ku kazi,bivanye n’ipete bafise.
SOS-Torture imeneyesha ko inzego z’ubutungane mu gisirikare ataco zivuga mu gihe ivyo biba biriko biraba.
IGIHE
Messages
18 Nzero 2017, 05:15, par Nzeyimana
Yemwe guharura muzoteba mucoke kwa nkurunziza, kwica niwomunezero wiwe!
icobikoze yarize kwica nukuri.