Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS-Torture : Abantu babiri barishwe, 14 bahagarikwa hadakurikijwe (...)
SOS-Torture : Abantu babiri barishwe, 14 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko
lundi 8 janvier 2018
Mu cegeranyo c’isekeza SOS-Torture gisohoka uko indwi iheze, iryo sekeza rimenyesha ko mu bantu babiri bishwe mu kiringo c’indwi, harimwo uwishwe yagirizwa kuba ari umusuma.
Isekeza SOS-Torture riragaruka kandi kw’ihagarikwa ry’abayoboke umunani b’umushingamateka Agathon RWASA, muri komine Ntega, intara ya Kirundo, igihe bariko basangira inyobwa ku rugo rw’uwitwa MUGISHA Samuel.
Muri ico cegeranyo, isekeza SOS-Torture rimenyesha ko abajejwe umutekano bahavuye bahagarika abayoboke b’umushingamateka RWASA Agathon, mu gihe abo umugambwe CNDD-FDD bobo bagumye bidegemvya.
Isekeza SOS-Torture riragaruka kandi kw’ihagarikwa ry’umugabo azwi kw’izina rya Sefu NDAYISHIMIYE mu ntara ya Cankuzo, kw’igenekerezo rya 2 Nzero 2018.
Kubwa SOS-Torture,Sefu NDAYISHIMIYE yahagaritswe yagirizwa gukorana n’umurwi w’itwaje ibirwanisho mu Rwanda, mu gihe yari yaje gutora impapuro z’umwana kuri komine, aca ajanwa mw’igendereza.
MUGISHA Van Naris