IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS-Torture : Abantu batatu baranyurujwe abandi barahagarikwa mu bice (...)

SOS-Torture : Abantu batatu baranyurujwe abandi barahagarikwa mu bice bitandukanye vy’igihugu

lundi 19 février 2018

Nkuko biri mu cegeranyo c’isekeza SOS-Torture, ico kiringo caranzwe no kurihisha ku nguvu intererano y’amatora ku ruhande rumwe, ahandi naho abantu bagasabwa kwerekana icegerekana ko biyandikishije ngo bazokwitabe amatora.

Ico cegeranyo c’isekeza SOS-Torture kiragaruka kandi ku vyaranze indwi yakozwemwo igikorwa co kwiyandikisha ku bazokwitaba amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro hamwe n’ayo muri 2020, aho habaye ihungabanywa ry’ibikorwa haba mu mashuri canke mu masoko.

Isekeza SOS-Torture riragaruka kandi ku gitero cakozwe k’umugabo n’umugore wiwe bahatswe kugandagurwa, ku mutumba Mburi, wa komine Gisagara, mu ntara ya Cankuzokw’igenekerezo rya 9 Ruhuhuma 2018, bakaba barakomerekejwe n’abantu batamenyekanye.

Muri ico cegeranyo isekeza SOS-Torture riragaruka kandi kw’inyuruzwa ry’abakenyezi babiri Aimee NCUTI na Rehema KANEZA mu gisagara ca Bujumbura, kw’igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 2018. SOS-Torture imenyesha ko ababanyuruje bataramenyekana.

Isekeza SOS-Torture rigaruka kandi kw’irekurwa ry’umunyeshuri wo muri kaminuza Philbert NINGANZA kw’igenekerezo rya 15 Ruhuhuma 2018, mu gisagara ca Bujumbura, uwu akaba yari yahagaritswe kw’igenekerezo rya 6 Ruhuhuma 2018, yagirizwa kuba mu mirwi irwana, ifise icicaro mu gihugu c’Urwanda.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.