IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS Torture : 5 barishwe,22 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko mu ndwi (...)

SOS Torture : 5 barishwe,22 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko mu ndwi imwe

lundi 30 octobre 2017

Mu cegeranyo c’ishirahamwe SOS-Torture Burundi, iryo shirahamwe rimenyesha ko batanu bishwe bagizwe n’abagabo 3 hamwe n’abagore 2, nayo muri 22 bahagaritswe 11 bakaba ari abo mu mugambwe FNL utemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.

Muri io cegeranyo, ishirahamwe SOS-Torture Burundi riragaruka kandi kw’ikubagurwa ry’umushingamateka Godeberthe HATUNGIMANA yatowe mu ntara ya Rutana, akaba kandi n’umuyoboke w’icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nshingamateka y’Uburundi Agathon RWASA, vyakozwe n’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi, nk’uko ico cegeranyo kibivuga.

Ishirahamwe SOS-Torture Burundi rigaruka kandi ku gisongerezi mu giporisi yanyurujwe mu ntara ya Muramvya, abo mu muryango wiwe bakaba bafise amakenga ko ashobora kuba yaragandaguwe kuko kuva anyuruzwa ata nkuru n’imwe yiwe bafise.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.