Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS Torture Burundi: 9 barishwe, 49 bahagarikwa mu kiringo c’indwi (...)
SOS Torture Burundi: 9 barishwe, 49 bahagarikwa mu kiringo c’indwi imwe
lundi 22 Rusama 2017
Nkuko biri mu cegerenyo kigira 75 c’ishirahamwe SOS Torture Burundi, iryo shirahamwe rigaruka ku rupfu rw’abasore batatu bari mu muhari w’urwaruka mu mugambwe CNDD- FDD biciwe muri zone ya Musaga, iri muri komine Muha, mu gisagara ca Bujumbura.
Ico cegeranyo kandi kimenyesha ko mu burengero bw’igihugu mu ntara ya Cibitki na Bubanza habaye ibitero vy’abitwaje ibirwanisho, vyakurikiwe n’ihagarikwa ry’abantu batari bake n’igipolisi.
Icegeranyo ca SOS Torture Burundi kiragaruka kandi ku nteguro z’amategeko zibiri zashikirijwe n’umushikiranagnji w’ubutungane ku bijanye n’igitabo mpanavyaha,SOS Torture Burundi ikerekana amakenga ku bijanye n’uko igikorwa co gusaka gishobora kuba mw’ijoro kandi ata mutahe.
SOS Torture Burundi imenyesha ko bitumvikana ko izo ngingo zofatwa mu gihe igihugu kitari mu bihe bidasanzwe, igasaba umukuru w’igihugu kudatera umukono kuri iryo tegeko rishobora gutuma haba ubusuma no guhonyanga agateka ka zinamuntu.