IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS Torture Burundi yaneguye ivyashikikirijwe na Yoweri Museveni ku (...)

SOS Torture Burundi yaneguye ivyashikikirijwe na Yoweri Museveni ku Burundi

lundi 22 Rusama 2017

Mw’itangazo ishirahamwe SOS Torture Burundi ryashize ahabona, umunsi umwe gusa inyuma y’inama y’abakuru b’ibihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko yabereye i Dar-Es-Salaam, SOS Torture Burundi imenyesha ko yatangajwe no kuba umuhuza mu biganiro bihuza abarundi Yoweri Museveni yamenyesheje ko adashigikiye ibihano ishirahamwe ry ‘Ubumwe bwa Buraya ryafatiye Uburundi, atanze insiguro ko vyari gutangura kwigwa n’akarere ka Afrika y’Ubuseruko.

Muri iryo tangazo, ishirahamwe SOS Torture Burundi rimenyesha ko ibihano vyafatiwe Uburundi n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya bihuye n’umwumvikano uri hagati y’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya n’Uburundi kandi ko biraba Uburundi bwonyene atari akarere.

SOS Torture Burundi rimenyesha ko ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu c’Ubuganda Yoweri Museveni biza gushigikira ivyaha vyo gusinzikaza agateka ka zinamuntu bikorwa mu Burundi.

Ishirahamwe SOS Torture Burundi rivuga ko ryamaze kubona ko akarere ka Afrika y’Ubuseruko kadashoboye gutorera inyishu ikibazo c’Uburundi, mu gihe indyane ziri mu gihugu zimaze guhitana abantu 2000 bitavye Imana, abandi 8000 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko n’abandi bababa ibihumbi 500 bahunze igihugu, nk’uko bishikirizwa na SOS Torture.

Messages

  • Nakamaramaza nakamaramaza Nkumutegetsi nkurya kwubahuka kuvuga yuko ibihano vyafatiwe uburundi, ni bihugu vya burayi kobitaribikwiye gufatwa!, ngo barikugishinama Yoweri kaguta museveni!? nkumuntu nkuwo ashigikira inkozi zikibi, zitigera zubaha kiremwa muntu, womuhanuziki?.Imana yamye ikunda abarundi nuburundi, izoza irabagaragaza ukobukeye, kugeza abiyita ngo barafise ivyobahuza abarundi, ivyiyumviro vyabo bigayitse bizoshirwe kumugaragaro atawubasambishije.
    Ivyo vyashirijwe na yoweri Kaguta museveni, turavyiyamirije.
    Tunasaba ibihano vyafatiwe Nkurunziza petero ahubwo nivyongerezwe hamwe atokwikebuka.

  • Ubujuju.com ibihano vyafatiwe NKURUNZIZA canke abarundi? Ubu abarundi batobato nibo bariko barasinzikazwa nivyo bihano, bene wanyu bagowe ayo ntavuze, yaba umu DD, FNL, umu UPRONA twese abarundi biradukorako. Hagarika gukinisha ubuzima bwabene gihugu, ivyo bihano usabira abarundi we wibazako bitazogukorako." Inkuba ikubita umwansi nuwawe bikajana! Stop ibihano! Vive les Barundais. Imana yaduhay igihugu cuburundi ikidutungire. Je soutiens à100% ivyashikirijwe nabakuru bibihugu vya EAC, Ya comminauté international mwahaya, ntiyari bwatahure ko muri inkozi zibibi zinyegeje inyuma ya 3ème Mandat.

  • Nagomba nkubwire wewe uvuga yuko ibihano vyafatiwe Nkurunziza nakarwikiwe, vyafashwe hageze. Nimba wewe utabibona, bisigura yuko usazwe urimuribamwe bafukamye abanyagihugu munda mukubagandagura.
    Mbega ibihugu vyaburayi mugihe vyari bigitanga arya mahera, ntabarundi baribagowe?,arya mahera yarayo gufasha karya karwi navuze ahoharuguru mukwidugiriza amagorofa gusa, nkubwire gancuti, jewe abazungu ndabemera ijana kwijana kuko nabantu babona kure, gusumba abobirirwa bakominduru ngo nibakureho ibihano kandi aribo bavyikwegera kubwubutagodwa mazusi kwabo!,jewe umubi nzomuvuga nkukwarumubi, umwiza ndamuvuge ubwiza bwiwe.

  • Hanyuma Ngo Ukundabarundi ,ukunda Iyonda Yawegusa .Koma Nyoko

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.