Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS-Torture:Umuntu umwe yarapfuye, 5 barahagarikwa mu kiringo (...)
SOS-Torture:Umuntu umwe yarapfuye, 5 barahagarikwa mu kiringo c’indwi
lundi 26 mars 2018
Nk’uko biri mu cegeranyo isekeza SOS-Torture risohora uko indwi iheze, uwo yitavye Imana ni Simon BIZIMANA wo mu ntara ya Cankuzo, yitavye Imana inyuma yo guhagarikwa yagirizwa kwanka kwitaba amatora kubera ukwemera kwiwe.
Isekeza SOS-Torture rimenyesha ko mu giporisi bahakanye ko ata ruhara bafise mu rupfu rwa Simon BIZIMANA, babicishije ku rupapuro rwa muganga bashize ahabona,rwerekana ko yitavye Imana ahitanywe na Malariya.
Muri ico cegeranyo, isekeza SOS-Torture rimenyesha kandi ko abantu batanu bahagaritswe mu bice bitandukanye, muri abo ahakaba aharimwo abayoboke b’umushingamateka RWASA Agathon.
Isekeza SOS-Torture riragaruka kandi kw’irekurwa ry’abahora napfunzwe, ku kigongwe c’umukuru w’igihugu, muri abo hakaba harimwo abagirizwa guhohotera abantu, hamwe n’ivyaba bitagirirwa ikigongwe.
MUGISHA Van Naris