Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS-Torture : Umuntu umwe yarishwe, 14 barahagarikwa mu ndwi (...)
SOS-Torture : Umuntu umwe yarishwe, 14 barahagarikwa mu ndwi imwe
lundi 12 mars 2018
Nk’uko biri mu cegeranyo c’isekeza SOS-Torture, muri abo bantu 14 bahagaritswe, 13 ni abigisha bo ku mutumba Murambi, komine Gatara, intara ya Kayanza kw’igenekerezo rya 2 Ntwarante 2018, bagirizwa gukubita umuyobozi w’ishuri.
Muri ico cegeranyo, isekeza SOS-Torture riragaruka kw’ikurwa mu cicaro A c’umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH ugashirwa mu cicaro B, aho isekeza SOS-Torture rimenyesha ko bishobora kugira ingaruka ku bijanye n’ibikorwa vy’uwo murwi, naho umukuru wawo yavuze ko ata ngaruka bizogira.
Isekeza SOS-Torture rimenyesha kandi ko ku mutumba Rusiga, komine Rugombo, intara ya Cibitoke, umuntu umwe yishwe, vyikekwa ko ari umusuma yagomba kwiba ibitungwa, naho nyene ata n’umwe yahagaritswe yagirizwa ubwo bwicanyi.
MUGISHA Van Naris