IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS-Torture rimenyesha ko abantu 5 bishwe mu kiringo c’indwi imwe (...)

SOS-Torture rimenyesha ko abantu 5 bishwe mu kiringo c’indwi imwe gusa

lundi 6 Ruhuhuma 2017

Ishirahamwe SOS-Torture rimenyesha ko abantu 5 bishwe, 6 barahohoterwa mu kiringo co kuva kw’igenekerezo rya 28 Nzero gushika kw’igenekerezo rya 4 Ruhuhuma umwaka wa 2017.

Mu cegeranyo c’ishirahamwe SOS-Torture,iryo shirahamwe rigaruka ku basirikare bafashwe inyuma y’igitero cakozwe kw’ikambi y’abasirikare ya Mukoni mu ntara ya Muyinga,ubu bapfungiwe mu mabhero atandukanye.

Ishirahamwe SOS-Torture rimenyesha ko mu basirikare bahagaritswe harimwo abahohotewe kandi bagifise ivyerekana ko bahohotewe,gushika aho bumvirizwa na Sentare nkuru mu Ntara ya Muyinga badashobora guhagarara.

SOS-Torture riragaruka kandi ku barundi 186 bavuye mu gihugu ca Repubika iharanira intwaro rusangi ya Kongo bazanywe na Buramatari w’intara ya Kivu y mu Bumanuko.

Kubw’ic cegeranyo ab barundi bari bagiye gusaba ubuhungiro mu gihugu ca Repubika iharanira intwaro rusangi ya Kongo,bashikijwe mu mabohero atandukanye mu gihugu, kandi umushikiranganji w’ubutungane yari yamenyesheje ko abo barundi bazoshikirizwa imiryang yabo bamaze kuronka imyidondoro yabo.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.