IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Smart Burundi n’Ikigo c’abafaransa mu Burundi bashize umukono ku masezerano (...)

Smart Burundi n’Ikigo c’abafaransa mu Burundi bashize umukono ku masezerano y’imigenderanire

mardi 26 juin 2018

Mw’ijambo ryiwe umuyobozi mukuru wa Smart Akbar Ladak avuga ko ishirahamwe ryo gutumatumanako Smart ryashizeho ubuhinga butari buke n’uturusho, mu ntumbero yo kworohereza abanywanyi.

Akbar Ladak avuga ko muri ubwo buhinga harimwo Ubuhinga nka Nyemeza, Mobile TV, Smart Pesa, Twiyagire, ubwo bwose bukaba bworohereza abanywanyi b’ishirahamwe Smart.

Ku ruhande rw’ikigo c’abafaransa mu Burundi IFB, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Smart avuga ko bashizeho ubuhinga bwiswe Smart WIFI ubwo nabwo bukazotuma abaje mu kigo c’abafaransa mu Burundi mu gisata c’ubuhinga bwo gutumatumanako amakuru bakoresha umurongo w’ishirahamwe Smart, baronka interineti itangwa n’umuhora wa Smart ku buntu mu kiringo c’isaha.

Akbar Ladak umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Smart yavuze ko ata karusho kanini biteze muri ayo masezerano, ahubwo baje gufasha urwaruka kujana n’ibihe mu bijanye n’ubuhinga bwa none.

Ati : « Nta nyungu nini tuzokura muri aya masezerano twagiranye n’ikigo c’abafaransa mu Burundi. Twabikoze mu ntumbero yo gufasha urwaruka rw’abarundi rugendera ikigo c’abafaransa, kuronka ubuhinga bwa none bitabagoye, bubafasha kwiga, no kwungura ubumenyi. »

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe ryo gutumatumanako Smart Burundi ahamagarira abantu bose bataraza kugendera ikigo c’abafaransa mu Burundi IFB, kukigendera kugira baronke kuri utwo turusho.

Umuyobozi w’ikigo c’abafaransa mu Burundi Stephanie Soleansky avuga ko icatumye begera ishirahamwe Smart kugira bagiriranire amasezerano, ari mu ntumbero yo gushikiriza abitura ico kigo ibintu bimeze neza.

Stephanie Soleansky ati : « Dufise ivyigwa dutanga ku buntu hakoreshejwe ubuhinga ngurukanabumenyi. Turatanga ivyigwa vy’igifaransa,icongereza, hamwe n’ivyigwa bijanye no kudandaza hakoreshejwe ubuhinga ngurukanabumenyi, nico gituma twegereye Smart Burundi kugira iduhe umurongo umeze neza. »

Umuyobozi mukuru w’ikigo c’abafaransa mu Burundi yaboneyeho n’akaryo ko gushikiriza amakarata 100 y’abanywanyi bazogendera ikibanza gikorerwamwo ivy’ubuhinga bwo gutumatumanako amakuru, hamwe n’amakarata ijana azotuma abanywanyi ba Smart baja kuraba.

Mwomenya ko ayo masezerano hagati y’ishirahamwe ryo gutumatumanako Smart Burundi n’ikigo c’abafaransa mu Burundi azomara umwaka.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.