Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Emery Sun > inkuru > Suzy yemanze ko akunda Emery sun birenze
Suzy yemanze ko akunda Emery sun birenze
jeudi 3 Myandagaro 2017, par
Hari ku munsi w’igenekerezo rya 01 Myandangaro, aho Suzy, umukunzi wa Emery Sun yari aramutse ahimbaza umunsi mukuru w’amavuka wiwe. Muri urwo rubanza rw’umunezero, Emery ntiyatanzwe kwifadikanya na Suzy. Aho baboneka ku mafoto bafatanye nk’abariko batamba. Ikiruta vyose, ni amajambo Suzy yanditse aciye ku rubuga rwiwe rwa Whatsapp aho ashimira Emery Sun.

Suzy ntarya umunwa mu kuvuga ko atoronka aho ahera mu gushimira Emery Sun kuvyo yamukoreye. Suzy avuga ko atozokwibagira uwo munsi.
Mu majambo yanditse, Suzy aravuga ko amukunda cane gushika naho amwita ngo "my sun", bisigura "kazuba kanje".


Cherif NKESHIMANA