Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Emery Sun avugako atagihundutse muri Isanganiro Awards azoba (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Emery Sun > inkuru > Emery Sun avugako atagihundutse muri Isanganiro Awards azoba (...)

Emery Sun avugako atagihundutse muri Isanganiro Awards azoba umurorerezi

vendredi 27 Ruhuhuma 2015

Emery Sun umuririmvyi wo muri Kany Empire yatanguranye umwaka w’i 2015 n’ururirimbo "Yaco Umbipa". Ndetse asaba ko itorwa ry’indirimbo zihiganwa muri Isanganiro Awards ryohinduka, indirimbo zifise ubutumwa bumwe zigahiganwa ukwazo.

Mu kiganiro yagiranye na IGIHE, Emery Sun amenyeshako ahagaze neza mu kazi kiwe k’umuririmvyi. Ivyo abivuga mu gihe yatanguranye umwaka ururirimbo rw’urukundo rushasha"Yaco Umbipa". Ikindi n’uko abandanya ateramisha abantu muri Karaoke ahitwa kwa Cyrillo ku minsi ya gatanu na gatandatu, ivyo bimufasha gushobora gukora akazi kiwe neza.

Mu gihe himirije ihiganwa ry’Isanganiro Awards 2015, uwo muririmvyi akaba yaridogeye integuro y’iryo higanwa, twamubajije ico asaba abategura ihiganwa n’ico agiye gukora hamwe ururirimbo rwiwe rwoja mw’ihiganwa. Emery Sun avugako anegura iryo higanwa, kubera hari indirimbo zidahabwa ikibanza. atanga akarorero ko kuva ihiganwa ritangura mu mwaka w’i 2011, ata ruririmbo rw’urukundo canke rw’IMANA ruratsinda kandi izo ndirimbo ziba ari nynshi kandi zikundwa cane. Emery Sun abona ko indirimbo zihabwa amahigwe ari indirimbo ziri "Engage"nk’uko abivuga.

Asaba ko iryo higanwa ryojamwo ibisata aho indirimbo z’Imana, za poritique, canke z’imibano zihiganwa ukwazo. Ivyo ni kugira n’abatanga amajwi bareke kujuragirika, ahubwo bamenye igisata ururirimbo rurimwo. Bitaruko avuga ko yoca aja mu barorerezi.

JPEG - 42.9 ko
Emery Sun na N John inyuma ya Isanganiro Awards 2014

Mwomenya ko indirimbo 4 zimaze gutsinda mw’ihiganwa rya "Isanganiro Awards" kuva mu mwaka w’2011 ari "Ndasavy’Ijambo" rwa N John, "Umubanyi Wanje" rwa Mkombozi mu mwaka w’i 2013, "Wiyumva gute" rwa Yoya mu mwaka w’i 2012, "Reka ntahe" rwa Rally Jo mu mwaka w’i 2011. Emery Sun amaze gutwara ikibanza ca kane, n’ica kabiri mu mwaka uheze n’ururirimbo "Wawundi". Ikinyamakuru IGIHE kikaba kigiye kurondera abriko barategura ISANGANIRO AWARDS kugira batange umuco kuri ivyo bivugwa na Emery Sun.

Umviriza "Yaco Umbipa" na Emery Sun


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.