Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Emery Sun ashobora kutazosubira muri "Isanganiro Awards" atagihindutse - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Emery Sun > inkuru > Emery Sun ashobora kutazosubira muri "Isanganiro Awards" atagihindutse

Emery Sun ashobora kutazosubira muri "Isanganiro Awards" atagihindutse

mercredi 25 Ruheshi 2014

Ihiganwa Isanganiro Awards ritegurwa n’insamirizi "Isanganiro" ryama riba ku umwaka ku mwaka kuva mu mwaka w’2011. Ritanguye kwidogerwa na bamwe mu baririmvyi bamaze kuja mu mahiganwa. Emery Sun aranegura itangwa ry’amanota ku ndirimbo.

JPEG - 29.9 ko
Emery Sun

Ihiganwa rya "Isanganiro Awards" ku ncuro ya 4 ryarangiye kw’igenekerezo rya 22 Ruheshi, inyuma yaho ururirimbo "Ndasavye Ijambo" rwa N.John rutahukaniye ikibanza ca mbere, ubwa kabiri hakaza ururirimbo "Wa wundi" rwa Emery Sun. Uwo muririmvyi ntiyakiriye neza uko iryo higanwa ritegurwa. Emery Sun ntiyashimishijwe n’uko amanota atangwa ku ndirimbo ziba ziriko zirahiganwa. Uwo muririmvyi avuga ko indirimbo zifise ubutumwa bw’urukundo zidahabwa ikibanza ciza mu gutanga amanota. Avuga kandi ko n’indirimbo mpimbazamana nazo nyene zidahabwa ikibanza ciza co kimwe n’indirimbo z’imibano canke za poritike zihabwa amahigwe kurusha izindi.

JPEG - 1.1 Mo
Emery Sun ari kumwe na N John

Naho biri uko, ururirimbo "Wa wundi" rwa Emery Sun rwaronse ikibanza ca kabiri ruvuga ibijanye n’urukundo, ururirimbo rwa gatatu muri "Isanganiro Awards" umwaka w’2014 ni "Siko Nabisanze" rwa Spok’s rufise ubutumwa ku bijanye n’imibano. Ikibanza ca kane cagiyemwo ururirimbo "Izera" rwa Lion Story ruvuga ibijanye na poritike. Ururirimbo mpimbazamana rwaronkejwe ikibanza c’umunani Yuguruye" rwaririmbwe n’umurwi Redemption Voice.

Mwomenya ko indirimbo zitatu zimaze gutsinda mw’ihiganwa rya "Isanganiro Awards" kuva mu mwaka w’2011 ari "Umubanyi Wanje" rwa Mkombozi mu mwaka w’2013, Wiyumva gute rwa Yoya mu mwaka w’2012, hamwe na "Reka ntahe" rwa Rally Jo mu mwaka w’2011.

Mwomenya kandi ko Emery Sun amaze imyaka 2 ahiganwa muri "Isanganiro Awards". Ku ncuro ya mbere yatwaye ikibanza ca 4, uno mwaka akaba yatwaye ica kabiri. Avuga ko ashobora kutazosubira muri iryo higanwa kiretse ibintu bihindutse indirimbo zifise ubutumwa bumwe canke bushusha zigahiganwa ukwazo.

JPEG - 1.1 Mo
Abamaze gutwara "Isanganiro Awards"
JPEG - 61.1 ko
Umurwi Redemption Voice mu kibanza c’umunani

Umviriza ururirimbo "Ndasavye Ijambo" rwa N. John, rwatahukanye agashimwe ka Isanganiro Awards, mu kibanza ca mbere.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.