IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ’’Twakiranye umubabaro urupfu rw’umusirikare w’umurundi muri MINUSCA’’

’’Twakiranye umubabaro urupfu rw’umusirikare w’umurundi muri MINUSCA’’

mardi 12 juin 2018

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Gaston SINDIMWO, yamenyesheje ko yakiranye umubabaro inkuru z’igitero cabereye mu gace ka Bambari kigahitana umusirikare w’umurundi.

Muri ubwo butumwa kuri Twitter, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko ashimira abasirikare b’Uburundi kuko ari intwari, kandi bama bitanga kugira umugabane wa Afrika uronke amahoro.

Ubutumwa bw’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO, buje bukurikira ubw’umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, aho yavuze ko yiyamirije ubwo bwicanyi, aca asaba abategetsi ba Centrafrique kugira amatohoza, kugira abakoze ubwo bwicanyi bamenyekane kandi bashikanwe imbere y’ubutungane.

Kuva umwaka wa 2018 utangura, uwo musirikare w’umurundi yitavye Imana kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 10 Ruheshi 2018, abaye uwa gatanu yitavye Imana ari mu bikorwa vyo kugarukana amahoro mu rwego rwa MINUSCA .


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.