IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > U E yongereje infashanyo ku mpunzi z’abarundi ziri mu gihugu ca (...)

U E yongereje infashanyo ku mpunzi z’abarundi ziri mu gihugu ca Tanzaniya

jeudi 21 décembre 2017

Iyo nfashanyo yongewe ku yahora itangwa n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, izofasha mu kwongerereza infungurwa impunzi z’abarundi zishika ibihumbi 24 ziri muri Tanzaniya zahora zihabwa.

Christos Stylianides arongoye igisata co gufasha imbabare mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, amenyesha ko Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ridahengeshanya gushigikira abarundi, harimwo n’abatari bake bahunze igihugu muri iyi myaka iheze.

Yavuze kandi ko iyo nfashanyo yiyongereye izofasha kuronsa amakambi y’impunzi ari mu gihugu ca Tanzaniya ivyo yari abuze, kandi izofasha kugarukira ku mpunzi z’abarundi ibihumbi ziri muri ayo makambi.

Mwomenya ko infashanyo y’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ku Burundi, icishwa mu mashirahamwe, ayo nayo agakorera mu bisata vy’isuku, amazi meza, no gukingira abanyagihugu bari mu bukene.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.