IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > UE ivuga ko ibiganiro biheruka vyahuje abarundi i Arusha ataco (...)

UE ivuga ko ibiganiro biheruka vyahuje abarundi i Arusha ataco vyashitseko

samedi 16 décembre 2017

Umurwi w’Ishirahamwe rya Buraya mu Burundi usigura ko abitavye ibiganiro biheruka batumvikanye kugira bashike kuco bumvikanyeko bose.

Mw’itangazo uwo murwi w’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya wasohoye ,izo ntumwa zivuga ko ibiganiro ariyo nzira ynyene irama yo gutorera inyishu ibibazo vya poritike.

Uwo murwi ushikiriza ko igikorwa co guhinyanyura ibwirizwa shingiro gishobora kugira ingaruka kuko vyohava bituma umushinge w’amasezerano ya Arusha mu gutsimbataza amahoro n’umutekano bishirwa inyuma.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya,rivuga ko Reta ishigikiwe n’ibihugu vyo mu karere ari nkenerwa, kugira igikorwa cahawe umwunganirizi w’umuhuza Benjamin William Mkapa gishike ku nyishu.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rimenyesha ko rifashe mu mugongo kandi rishigikiye ibikorwa birangurwa n’ibiro vy’umuhuza mu matati y’Uburundi.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.