Accueil > Amakuru > u Burundi > UNHCR ivuga ko ifise ubukene bw’uburyo bwo gufasha impunzi z’abarundi
UNHCR ivuga ko ifise ubukene bw’uburyo bwo gufasha impunzi z’abarundi
mercredi 20 juin 2018
Mu gihe kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 20 Ruheshi amakungu ahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe impunzi, Gogo Hukportie avuga ko ubukene bw’uburyo butuma ishirahamwe UNHCR ridafasha neza abahunguka.
Uwo aserukira UNHCR mu Burundi yabwiye iradiyo y’abongereza BBC, ko , abahunguka bidoga ko imfashanyo y’amezi atatu babaha idakwiye, ariko ko UNHCR itakironka uburyo bukwiye bwofasha ibirenze aho kubera ababutanga bikwega.
Gogo Hukportie yasiguriye BBC, ko bamaze kwegeranya amafaranga make cane, kuko muri uno mwaka bamaze kwegeranya ibice 20 kw’ijana vy’amafaranga akenewe kugira bashobore gufasha impunzi z’abarundi.
Bitegekanijwe ko umwaka uzohera hamaze gutahukanwa impunzi zishika ku bihumbi 72, ubu hakaba hamaze gutaha impunzi ibihumbi 30.
IGIHE
Messages
21 juin 2018, 01:37, par Karabaye
Kw’Isi politique irabaye bdase peee !
Umurundi ahungutse agataha mugihugu camavukiro ngontakumufasha bibonekana kwabasa nuwumenye kuruhande rwa UNHCR ariko umunyarwanda ahungutse UNHCR ihakwagukora umusimukuru maze uwuhungutse bakanamuha ama dollars .
24 juin 2018, 09:40, par Sempeta J.Pierre
Muzoze Murampa Amakuru Ya Poltique Buri Munsi