IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubufaransa buvuga ko ibwirizwa nshingiro rishasha ritazofasha gutorera (...)

Ubufaransa buvuga ko ibwirizwa nshingiro rishasha ritazofasha gutorera inyishu ikibazo c’Uburundi

jeudi 24 mai 2018

Mw’itangazo igihugu c’Ubufaransa cashize ahabona, kimenyesha ko, cumvise ivyavuye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yatunganijwe kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018.

Igihugu c’Ubufaransa kimenyesha ko, nimba amatora yabaye mu mutekano, imyiyamamazo yoyo yabaye mu gihe hari iterabwoba n’ihohoterwa ry’abadashigikiye ko ibwirizwa nshingiro rihinduka.

Muri iryo tangazo, igihugu c’Ubufaransa kimenyesha ko icoshirwa imbere ari ibiganiro ataco bisaba kandi atawe bikumira, vyofasha abarundi bose mu mirwi bavamwo gushira ahabona ivyiyumviro vyabo.

Igihugu c’Ubufaransa kimenyesha ko, abarundi bazoshobora kuja hamwe, mu gihe Reta izoreka abatavuga rumwe nayo, abadaharanira ivyicaro vya poritike bagakora ata ntambamyi.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Aba Faransa Nibakore Ivyabo.Batohoze Icishe Abadereva Bindege Yakorowe Mu Rwanda 94,bareke Kwisuka Muvyabarundi Kuko Ivyuburundi Birera De !Ntagatosi Bigira.

  • mbe iyo ubufaransa buvuze kumurundi ntaco umurundi aca atahura ? abo bafaransa tutariko duhendana kuva uburundi bwikukira nakugeza magingo aya uretse kuduranya nikihe ubufaransa umurundi yokwizera vyova kubafaransa uretse urupfu ! , reka mbonereho no gukebura niki kimenyesha makuru ndazi ko inyuma y6aho kizakunegura ko naco hariho abanyagihugu bakinegura, dusaba ko baza bashirako ivyo abanyagihugu banegura eka nivyo bashima kuko umunyagihugu bibagiye ko mbe we bamushize muri rwaruhara we aguma agaya gusa ataco ashima ? ego bibi birahari navyiza birahari none kuki humvikana gusa bibi ? nimwikebuke abarundi barahabona

  • Ku Mutumba:lkiraro Commune:vumbi Intara : Nubu Bamenyeko Watoye Oya nta nuwomenya iyo bagucanye !

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.