Accueil > Amakuru > u Burundi > Imfashanyo y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya igenewe abanyagihugu (...)
Imfashanyo y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya igenewe abanyagihugu badafungura neza
vendredi 12 Rusama 2017, par
Kugira uwo mugambi uje mu ngiro amahera agera ku miriyoni 20 y’amanyaburaya niyo ubumwe bwa buraya butegekanya kuzokoresha mu gihugu c’Uburundi. Ibikorwa vyo gushigikira uburumyi bikorwa na FAO mu bice vy’abanyagihugu bafungura nabi bituma abagera ku bihumbi 200 bashobora kwinagura mu gufungura neza.
Mu ntango z’uwu mwaka, PAM ifadikanije n’ubumwe bwa buraya iriko ikorera mu mugambi wo gushigikira gukinga gufungura nabi ku bakenyezi bagera ku bihumbi 20 ridasize inyuma abana bato bato bugarijwe no gufungura nabi mu bice vy’igihugu vyugarijwe n’ukubura imfungurwa.
Muri izo miriyoni 20 z’amanyaburaya ategekanirijwe ivy’imfungurwa, ayagera ku miriyoni 4,4 niyo agenewe Uburundi mu mugambi wo gufasha abanyagihugu bugarijwe no gufungura nabi mu mwaka 2017.
Ibiharuro vyerekana ko abantu bagera ku miriyoni 3 mu Burundi bageramiwe n’ukubura imfungurwa muri abo abagera ku bihumbi 900 akaba aribo babangamiwe cane kurusha abandi. Kubw’ivyo mu mugambi w’ishirahamwe ryitaho ikiremwa muntu washizwe ahabona muri Nzero 2017, utegekanya gufasha abantu bakeneye imfashanyo vyihutirwa, gufasha abanyagihugu kugira umwizero hamwe no kwegeranya ibitigiri vyofasha mu gutanga imfashanyo mu gihe vyihutirwa.
Mu mezi aza, Ubumwe bwa buraya butegekanya kandi gufasha no mu bindi bisata na cane cane mu bice vy’igihugu bigeramiwe gusumba ibindi mu ntumbero yo gufasha abanyagihugu bo mu Burundi muvyo bakenera.
Messages
12 Rusama 2017, 19:30, par Predator
Ni Sawa Ariko Nti bayacane Muri Reta Kuko Ntavyo Boronka
15 Rusama 2017, 11:29, par Jean Prosper Busago
Nivyiza, Ariko Umuntu Hakumuha Ifi Womwigisha Ingene Bayiroba. Ubumwe Bwa Buraya Bwofasha Uburundi No Mumigambi Iteza Imbere Abarundi Nko Muvyukurima Nokworora Kijambere. Gutyo Ntitwokwama Duteze Amashi Imfashanyo Zabo Iminsi Yose.