IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi, Tanzaniya na HCR bagiye kwigira hamwe uko impunzi (...)

Uburundi, Tanzaniya na HCR bagiye kwigira hamwe uko impunzi zotahukanwa

lundi 26 mars 2018

Umwunganirizi w’umushikiraganji w’intwaro yo hagati akaba n’umuvugizi w’ubwo bushikiranganji,Therence NTAHIRAJA yamenyesheje ko muri iyo nama barabira hamwe uko igikorwa co guhungura abantu mu mwaka uheze cagenze kugira bashobore kunagura aho vyagenze nabi.

Uwo mwunganirizi yavuze ko muri iyo nama bigira hamwe uko ingingo zibereye zofatwa kugira impunzi ziyandikishije mu makambi y’impunzi yo muri Tanzaniya ,zitahukanwe ku rugero rushimishije.

Ku vyerekeye kudahuriza hamwe ku bitigiri vy’impunzi zikiri mu makambi hagati ya Reta y’Uburundi n’ishirahamwe HCR,Therence NTAHIRAJA yavuze ati : “ibitigiri nyakuri bimenyekana habaye rusansuma,Reta ya Tanzaniya irazi impunzi ziri mu gihugu cayo,muri ino nama abahinga bazodushikiriza ibitigiri vy’ukuri.”

Uwaserukiye ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe impunzi HCR Soufiane ADJALI yamenyesheje ko impunzi zingana ibihumbi 20 arizo zimaze guhunguka ku gushaka kuva mu kwezi kwa Nyakanga 2017.

JPEG - 64.7 ko
Soufiane ADJALI yaserukiye ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe impunzi HCR

Soufiane ADJALI yasavye ko hongerezwa inguvu muri ico gikorwa kugira impunzi zipfuza guhunguka ku bushake zifashwe bishimishije.

Umuyobozi w’igisata kijejwe impunzi mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ca Tanzaniya Harrison WINGIA MSEKE yamenyesheje ko ibihumbi vy’impunzi bakiri mu makambi bipfuza guhunguka ari naco gituma bakwiye gufashwa kugira batahuke nk’uko bavyipfuje.

Harruson WINGIA MSEKE yashikirije ko Reta ya Tanzaniya izokwugurura imiryango, kugira impunzi zose zipfuza gutahuka zishobore guhunguka.

Iyo nama nyabutatu ihuza Reta ya Tanzaiya,Reta y’Uburundi hamwe n’ishirahamwe HCR izomara imisi itatu aho hazoca hamenyeshwa ivyayipfundikiwemwo.


Vianney BIKORIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.