Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwagarukanye intwaro y’umushikiranganji wa mbere
Uburundi bwagarukanye intwaro y’umushikiranganji wa mbere
jeudi 26 Gitugutu 2017, par
Mu nama idasanzwe nshikiranganji yabaye kuri uwu wa kabiri, abagize Reta y’Uburundi barabiye hamwe bongera bemeza icegeranyo c’umurwi w’igihugu ujejwe kwerekana ivyohinduka mw’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi.
Nk’uko vyemejwe n’abagize Reta y’Uburundi, umukuru w’igihugu yotorwa n’abanyagihugu nk’uko biri. Ikiringo yotwara ntikivugwa muri ico cegeranyo c’ivyemejwe n’inama nshikiranganji, ariko hakaba hari amakuru avuga ko ikiringo c’umukuru w’igihugu cokurwa ku myaka itanu kigashirwa ku myaka indwi, agashobora kwitoza ibindi biringo bibiri gushika mu mwaka 2034.
Firipo NZOBONARIBA, umuvugizi wa Reta y’Uburundi aravuga ububasha bugiye guhabwa umukuru w’igihugu.
"Umukuru w’igihugu akaronswa ububasha yisangije kandi bukwiye adashobora kubogozwa kiretse iyo yahemukiye igihugu, akaba afise umushikiranganji wa mbere ariwe abazwa ivya Reta imbere y’inama nshingamateka kandi akaba ava mu mugambwe watsinze amatora."
Umukuru w’igihugu azoba afise icegera badasangiye ubwoko n’umugambwe canke akaba ava mu bigenga.
Mu bijanye n’inama nshingamateka na nkenguzamateka, uwo murwi urerekana ivyohinduka aho abemeje itegeko borenga ica kabiri c’abatoye kiretse ku mabwirizwa amwe amwe, canke ingingo zimwe zimwe uwo murwi ubona ko zokwemezwa na batatu kuri batanu batoye.
Ibwirizwa shingiro ry’Uburundi rigizwe n’ingingo 307, muri izo, ingingo 77 nizo zizosubirwamwo, nshasha icenda hamwe na zitatu zikeneye gufutwa.
Egide NDUWIMANA
Messages
27 Gitugutu 2017, 08:41, par Kararuza
Guhindura ibwirizwa shingiro kugira Peter azorongore igihugu gushika muri 2031 hamwe no kugarukana poste ya Premier Ministre n’ivyemeza intwaro y’agacinyizo ya DD,ntaco CPI irabaterurira rimwe
27 Gitugutu 2017, 08:50, par hfhhf
hahaha, biratwengeje
27 Gitugutu 2017, 09:54, par BUSURAHENDE
Ayo mategeko iyo aba ari ayashaka kuzana demokarasi mu Burundi aba atomora neza yuko abamaze gutwara Uburundi mandats zirenga 2 ko batemerewe kwitoza mu matora yimirije muri 2020. Uca wumva rero iyo ayo mategeko ahengekeye.
27 Gitugutu 2017, 12:51, par Nsengiyunva
Ubwo nyakubahwa umukuru w’ ikigihugu, ubwo ntiwotangura guteza imbere igihugu mu kuduza Ubutunzi bw’ igihugu c’ Uburundi ubwambere ko mbona bugeze aho umwansi ashaka hakuja guhindagura ibwirizwa shingiro? Kuko iyo uriko uraja haranyerera.
Mbega kare hoho kwigumiza kubutegetsi utazobirya ngo ubimare canke abana bawe babirye babimare bimaze iki? Mbe urabona ko uzorwana n’ abazungu ngo ubishobore? Abazungu bakurusha uburyo bwose kandi ntibariko bararekura? igisigaye ayo mamanoeuvre yose uriko urakora nayata igihugu mu manga kandi nawewe mu manga.