Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwagiriza CPI ko iriko itegura intambara mu Burundi
Uburundi bwagiriza CPI ko iriko itegura intambara mu Burundi
vendredi 10 Munyonyo 2017, par
Umushikiranganji w’ubutungane, Aimé Laurentine KANYANA niwe yashikirije kuri uwu wa gatanu aho Reta y’Uburundi ihagaze ku ngingo Sentare mpanavyaha mpuzamakungu yafashe yo gutanguza amatohoza mu Burundi.
Reta y’Uburundi yibutsa ko kuva kw’igenekerezo rya 27 Gitugutu itakiri muri iyo Sentare, kandi ko n’ingingo zose zifatwa inyuma y’iryo genekerezo zitaraba Uburundi. Reta y’Uburundi yemeza ko yavuye muri iyo Sentare ata rubanza ifise.
"Mu kiringo c’umwaka wose kuva Uburundi bumenyesheje intumbero y’ukuva muri CPI gushika kw’igenekerezo rya 27 Gitugutu 2017, nta ngingo n’imwe Uburundi bwigeze bumenyeshwa n’iyo Sentare. Ingingo zose zizofatwa n’iyo Sentare ntazo tuzokwemera, kuko bitazoba vyubahirije amategeko."
- Aimée Laurentine KANYANA, umushikiranganji w’ubutungane
Abacamanza ba CPI bamenyesha ko iyo ngingo y’ugutanguza amatohoza mu Burundi yafashwe kw’igenekerezo rya 25 Gitugutu 2017 Uburundi bukiri muri CPI, ariko ko babanje kubangira kuyishikiriza kubera umutekano w’ivyabona ku vyaha vyakozwe mu Burundi kuva kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2015. Umushikiranganji Aimé Laurentine KANYANA siko abibona : "Mbega ivyo bavuga ngo bariko bakingira abantu b’ivyabona vyabo, abo bantu ubuho ntibahiriho? Ko wumva ayo matohoza agira abe, abo bantu ntibagikeneye kubakingira? Murumva ko harimwo ikintu c’ukugomba gutera ubwoba Abarundi, bagume babuza amahoro Abarundi."
Reta y’Uburundi imenyesha ko iyo Sentare yamaze gutakaza intumbero, kuko kubwa Reta y’Uburundi, ikorera iyo Sentare yisuka muri poritike y’ibihugu biyigize
"Iyo Sentare ikorana kandi igashigikira abagomvye gusambura no guhungabanya umutekano w’igihugu."
Umushikiranganji Aime Laurentine KANYANA amenyesha ko Reta y’Ubuurndi ifise inzego zikwiye z’ugutohoza hamwe n’uguhana ivyaha hisunzwe amategeko y’igihugu n’ayandi mpuzamakungu. Aime Laurentine KANYANA akebura ibindi bihugu vya Afrika bikiri muri iyo Sentare.
"Ibindi bihugu vyose vyari bikwiye kubona ko iyo Sentare mpanavyaha mpuzamakungu yahindutse igikoresho ca poritike c’ukudurumbanya inzego z’ibihugu."
Reta y’Uburundi isozera imenyesha ko iyo ngingo yafashe na CPI yerekana ko iyo Sentare iriko itegura intambara mu Burundi, umushikiranganji KANYANA akavuga ko Uburundi bufise ingabo zizoburwanira, kuko zisanzwe zinavyifatamwo neza mu gihugu hagati canke mu bindi bihugu zirungikwamwo kugarukana amahoro.
Tubamenyeshe ko ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwatunganije kuri uwu wa gatandatu imyiyerekano y’ukwiyamiriza iyo ngingo yafashwe na Sentare mpanavyaha mpuzamakungu. Iyo myiyerekano izobera mu ntara zose zigize igihugu c’Uburundi.
Egide NDUWIMANA
Messages
10 Munyonyo 2017, 14:59, par Hicuburundi
Madame Laurentine warekeye ngaho kubesha abanyagihugu?birekere abo ba DD babaye mu Kibira bivugire, jewe buri munsi iyo ndakuravye uriko uvuga ivyo utemera untera ikigongwe,cira birarura,mugume hamwe CPI ikore akazi kayo,mbe nimba ntaco mwiyotsa mwakwitavye mukisigura?
10 Munyonyo 2017, 14:59, par Busurahende
Uyo mukenyezi baramuhenze / baramusutse ngo atware ubwo bushikiranganji adashoboye gukirana muvy’ubumenyi. Muravyibuka i Geneve ko yirutse gushika n’aho ibirenge bisha bariko bamuhata ibibazo. None ngo ejo mw’i barabara kandi ataco bivyara. Ubujuju gusa.
10 Munyonyo 2017, 15:10, par jambo
Ewe Kanyana urantwenza, uti ntimuzokwemera gukorana na CPI kubera ingingo isohotse uburundi bwaravuyemwo! Mbega iyo isohoka butaravayo mwari kwemera gukorana??? Aba DD mwibaza k muzi ubwenge ariko ntimugira nubwo kurusyo! harya mwari muzi ko ubwicanyi mukora bizokwijana?? Ejo muzoja mwibarabara kwimaramaza nkuko mwama! iyaba imyiyerekano mukora ari wo muti muba mwaratsinze kera kuko muyigize kenshi cane atakivamwo. Imisi yanyu iraharuye. Mu misi itari myinshi abarundi bazokwiruhutsa bati: Ashiiiiiiii, Imana iradukuyeko akabi, shetani ngo ni dd
10 Munyonyo 2017, 15:14, par Kararuza
Hhaahha reka nitwengere,none ga Madame Kanyana nkaho nta n’isoni ufise?,abantu bishwe muri 2015 gushika uyumunsi k’umurango riva mukanuma muboheye amaboko i mugongo mwagira ngo bizoherera ngaho,Imana ihora ihoze,igihe cageze rero
10 Munyonyo 2017, 19:11, par CIrabirarura
ARIKO IYO NI INZIGO ITARABAHERAMWO? MBE MWIBAZA KO IYO NGIRWA TRIBUNAL ARIYO IZOBAHA UBUTEGETSI MWIMWE NABANYAGIHUGU ABARUNDI? AHO MWICIYE ABAHUTU MWIHONYABWOKO KUVA ZA 1972 MWIBAZA YUKO BIZOBANDANYA UKO? MWENE WANYU MINISTRE KANYANA NIMBA YARAHEJEJE KUBITAHURA MUMUHORIKI? NIMUCIRE BIRARURA, ABARUNDI BAMAZE KUBEREKA AKATARI GAKE KO ARIBO BAFISE IJAMBO RYANYUMA RYO GUTANGA UBUTEGETSI KO ATARI ABO BAGAMBANYI BASHAKA KWIKINGA INYUMA YAGATSIKO KISHE ABARUNDI IMYAKA NIMYAKA KUGIRA KABASHIKANE KUBUTEGETSI HANYUMA KABAKORESHE MUGUSAHURA NO GUSESA AMARASO YABARUNDI, MICIRE BIRARURA, EJO SI NONE, JA MUMATORA BAKABATORA OK BATABATOYE UBUZIMA BUBANDANYE, NAHO IVYO BITABAPFU MURIMWO NTAHO BIZOBASHIKANA ATARI UKUBATUNTUZA IMITIMA GUSA, IGIHUGU KIZOTANGWA NABARUNDI NIKO BIRI NTAGIHINDUKA, AGATI GAHAGARITSWE NIMANA NTIGAHUNGABANYWA NUMUYAGA, REKA URWANKO NINZIGO, EMERA MUTEGEKWE ABARUNDI BARAHEJEJE KUDESIDA!!!!!! GASHAKABUHAKE MUSAHUZI NTACO AZOBAMARIRA, MUCE UBWENGE MUSUSURUKE!!
10 Munyonyo 2017, 19:25, par Kazibe
@Hicuburundi
Womenga CPI ni iyanyoko. Wewe ko utarisigura n’abo wamarishije imigano n’amapine?
10 Munyonyo 2017, 20:05, par eric
the pope plan ICC https://www.youtube.com/watch?v=T_4EF9eRbHE
11 Munyonyo 2017, 13:46, par MASO
Mura yavuga kweli !
iyo muvuga muti : Hirukankanijwe uwibwe, uwivye yirambirije, kwa base , i rwanda, bubiligi na america ,canada . Mugabo nti bizoboroherwa . Mureke aya Muhwe !!!!!
12 Munyonyo 2017, 12:52, par King
Barundi ndakuye inkofero mwarategereye iturufu yama irya muri ako karere k’ibiyaga bikuru. Iyo turufi nayo ni iyi: "Strike and Scream" (Frappe et Crie). Umugani wa Biryana w’i Mwaro: "uwivye siwe yiruka, hiruka uwibwe". Iyo turufu yarariye mu Rwanda, i Buganda, no mu Burundi kuva bwikukira. N’ubu irasubiriye kurya aho imfyisi yigira intama. Abatarategera iyo turufu mu bandanye mwijajara! Strike and Scream
12 Munyonyo 2017, 13:07, par Maza
Hahahahaha , hataigira uwibaza ko amajambo ya Président w’Ubuganda na Tanzaniya hari ico ahindura. Uwobijako yoba ari ikigugu kweri. ico ni ico bita kwiteza utunyoni. "Strike and Scream".
12 Munyonyo 2017, 19:01, par Papy Ivy Zikurakure
Uburundi n’igihugu gifise inzego zikwiye kandi gifise amategeko. CPI turabona ko iriko yinjira muvyo itazi, iriko irakoreshwa n’abansi b’igihugu n’abanyagihugu. CPI ni yisuzume ibone ko ataco izofasha kuri iyi si na mwanya womengo ijejwe abanyafrica gusa, ahubwo ni yugagwe burundu kuko nta nguvu zikwiye ifise mugihe itarerekana ivyimaze kurangura mu bihugu vya buraya na America. Intwaro ya CNDD-FDD ibandanye ibogora uburundi n’akarere, ukwikukira kw’ibihugu vyacu gutsimbatazwe, abantu benshi bararambiwe n’intambara zibandanya urutavanako.
13 Munyonyo 2017, 09:18, par muco
Maintenant Laurentine Kanyana n’est plus la ministre de la justice, elle est devenue la ministre de la defense. None ikibazo kirihe? Niwaba ata kabi wiyagiriza, ntizogukorako.
14 Munyonyo 2017, 08:39, par Hicuburundi
@kazibe,Sambagurika neza
17 Munyonyo 2017, 08:10, par JAMBO
MBONA TWOGABANYA AMAJAMBO, UBWICANYI BUTEYE UBWOBA BWATANGUYE KERA CAAAANE, NUKURI BARASHOBORA GUFATA NK’UMUPFASONI YIBUNGENZE BAKAMUBAGA BAGASHIRAYO IRADIYO IVUGA. IVYO VYAGIYE BIBONEKA MUMYAKA YAKERA NIBINDI NIBINDI, IVYO VYAGIRIRWA ABAHUTU, ABAHUTU NABO BATI WAPI NTIBIKUNDA, NGO FATA UMUHETO, BAMWE BAMWE BABASUBIRIZA MUNKOKO. NONE DUKORE IKI? NTUHENGAME NAJE SINAHENGAMYE. NTABWICANYI NA BUMWE TURIKO TURABONA UNO MUSI BWOBA ARI BUSHASHA. NI COPIE ET COLLE. HAKORWE IKI NONE?
18 Munyonyo 2017, 13:47, par Wakera
ariko agwanira sebuja kubera ari bureau vyiwe vyakabiri! uwomugore w’inyuma y’irya MIVO I Ngozi arateye agahinda! Ariko nikwo yamye kuva yiga I BUSIGA yarakunda amaronko! Damn