Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburundi bwasabwe gusubira ku ngingo bwafashe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwasabwe gusubira ku ngingo bwafashe

Uburundi bwasabwe gusubira ku ngingo bwafashe

vendredi 28 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Ubutegetsi bw’igihugu ca Reta zunze ubumwe z’Amerika bumenyesha ko butewe amakenga n’ingingo yafashwe na Reta y’Uburundi yo gufuta amashirahamwe atanu adaharanira inyungu za poritike mu Burundi, hamwe n’ihagarikwa ivy’agateganyo ry’ayandi mashirahamwe atanu, harimwo urunani rw’abamenyeshamakuru mu Burundi (UBJ : Union Burundaise des Journalistes).

Mw’itangazo ryashikirijwe na Reta ya Amerika, basavye Reta y’Uburundi kwisubirako muri iyo ngingo yafashwe, hamwe n’ugusubira mu biganiro buhuza impande zose, birongowe n’umuhuza Benjamin Mkapa yashizweho n’umuryango wa Afrika y’ubuseruko.

Amashirahamwe atanu adaharanira ivyicaro vya poritike mu Burundi aheruka guhagarikwa kw’itegeko ry’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Pascal BARANDAGIYE. Ayo mashirahamwe yagirijwe ko atariko akora ivyo yiyemeje igihe yahabwa uruhusha rw’ugukora, kuba ariko acapfuza isanamu y’Uburundi, hamwe n’ukuba ariko acanishamwo Abarundi. Ayo mashirahamwe atakirekuriwe gukorera ku butaka bw’Uburundi ni APRODH, FORSC, FOCODE, ACAT hamwe na RCP.

Ayandi mashirahamwe atanu aheruka guhagarikwa vy’agateganyo. Ayo nayo ni :

COSOME : Coalition de la Societe Civile pour le Monitoring des Electorale

CB - CPI : Coalition Burundaise pour la CPI

UBJ : Union Burundaise des Journalistes

Ligue ITEKA

SOS TORTURE BURUNDI


IGIHE

Messages

  • ntimuvyemere kuko abo nibobabatuma nibareke dutunganye igihugu cacu kubutwari ningingo yabenegihugu pana amategeko yabakavamahanga

  • Jewe amakungu ivyanyu vyaranyobeye kuva aho mwagahereye muvuga Ngo amakenga ikitakoretse nigiki jewe nagirango igiteye amakenga nikirya kintu wibaza ko coba arico ariko udafitiye ubuhakika none vyaba ivyo guhagarika amashirahamwe canke kuyafuta vyarabaye kumugaragaro nababikora bakavyemanga ikibagiye nubwicanyi butagira izina ukunyuruza abantu ukuboreza igufa abantu ukubapfungira ubusa haba mubusho buzwi nubutazwi ikibagiwe nukwangaza abene gihugu no kubasahura ivyovyose bikorwa izuba riva nizego zareta mbere mwirirwa murumva kumusi kumusi imvugo zikoreshwa nabategetsi uhereye kuwokwiswe sebarundi zihamagarira abarundi kuja mubugizi bwanabi none ngaho ikigiteye amakenga nigiki kovyose vyabaye nubu biba kandi kumurango riva batanguye bugara amakonte yayo mashirahamwe muvuga uko nyene ngwamakenga aha ntituvuze aho mwagasabiye iyugururwa rya maradiyo reta nabayoboke bayo baturiye ugufungura impfungwa za politike ukureka umurwi wigenga wa bahinga bindorerezi zagisirikare nagisivile ukurungika abapolisi 228 boza gucungera umutekano inteko ibihumbi 5000 za maprobu zoza guhagarika ubwicanyi ivyovyose ntakintu nakimwe iyo ngirwa reta yigeze yemera mbere umurwi mwebwe nyene mwirungikiye gukora amatohoza kumabi ariko arakorwa muburundi warakoze akazi mwawutumye mbere urabaha icegeranyo gitomoye neza camabi ariko arakorwa niyo ngirwa reta none ngaho ikigiteye amakenga mwivyo nigikiki mbere hageze naho ababaserukira iyo ngirwa reta ifata ingingo yo kubirukana kwikura muri icc kiretse nimwaba mushaka kutubwirako abicanyi aribo bafise ukuri nugufata ingingo kubasumba canke ngira biba Ari ibimaramare vyaho abantu bagahereye bicwa nubu bakiriko mugabo akaba atakintu nakimwe kiboneka mwakoze gushika kwiyi sahaa co kubuhagarika nkakumwe mwabikora mugihe cihonyabwoko rya 94 munyuma mukaza mwiririsha Ngo ntavyo mwamenye mbe iwacuho muzotubwiriki ahubwo niba vyabananiye nimurekure uwariwe wewese yirwarize kuko ntawudafise amaboko ibinogo bihambwemo abana buburundi isinzi ivyovyose mwarabibonye mugabo ntaco mushaka gukora ngwabatikije inganda bafatwe bahanwe ijo ababuze ababo bakabura ubutungane nibahaguruka bakihora uzosanga muriko muratera induru Ngo yerere kandi barabatakambiye kera mukabura urwobatunganiriza izomvugo zanyu zakarimi atabikorwa abarundi twarazihaze ba mupfuma mwinumira ivyo biganiro muvuga mwakabingize guhera ryaringo babijemwo bakanka ubu iyo baba ababakundiye ngirango amahoro abayarabonetse none ikindi mukibashaka ko nigiki ibibuze mumashi bashira mumigere nubu mwovyuka mugitondo mugatera ibombe zibiri gusa bwoza kwira Bose bishikanye iyarusha mubiganiro nakanyaro kaheze canke bakamanika amaboko atarivyo kwabo murakora ubusa ndabarahiye

  • Ayo mashirahamwe y’abicanyi ntazosubire kuvugwa mu Burundi.

    Amerika ibakeneye ni baje gukorera iwabo.

  • America twumvikane, ntashaka namwe mwisubireko kubintu mwakoze mugihugu canyu bitadushimishije vyokwemerera abahuje ibitsina bakabana nkumugore numugabo nimwabikora natwe tuzokwisubirako.

  • Yoooooo uyumuntu yitwa Tari afise utubazo mumutwe kandimwenabobantu sivyiza kubabwiravyishi kuko bababarihebuye bashobora nokwiyahura canecane iyo umuntu abamaze kugerayaho ahari abonamengo hariko harategurwa ibintu vyokumugiriranabi nkuko mubonye uyu Tari.

  • @tari. Uri rubebe koko. Wahoraga wandika ngo Nkurunziza ntazarenza ukwezi none imyaka igiye kuba 2 nanubu koko nturabona ko mwashutse none impengeri zikaba zibamereye nabi i Mahama. Uwakuroze ntiyakarabye niyo mpamvu uzapfa ubungera.

  • Tari ivyuvuze nukuri kudapingika, abarundi twabuze uwokudutabara, ariko harwira abavuga gusa. Amakungu hamwe yo haguruka ndazi ikibazo cuburundi cotwara umwanya urume rumara, ivyobavuga bipfira mumajambo. umusi borungika indege ijana rimwe gusa zikazunguruka hejuru yuburundi gusa, niwo musi bokwemera guhagarika kwica abantu, nukwemera ibiganiro.

  • @murodokayi. Maze iminsi nkurikirana iby’i burundi ubu hari amahoro no kurusha hano mu rwanda. Abapfaga hari kera kuko bicwaga na za sindumuja mujeri zagendaga muma bus zivuye murwanda. Niyo mpamvu leta y’uburundi yahagaritse ama bus yose ava murwanda none umutekano ukaba uri bon 100/100 i burundi. Wowe na TARI mbona muri bamwe bagifite nostalgie yo kumara abarundi nkuko baso babikoze 72 bica abahutu.

  • NONE AMASHIRAHAMWE MESHI KO ARIYO ATERA AKAJAGARI KINTAMBARA YISUNGA NGO IRIKO RASHASHA TWEMBE ABANYAGIHUGU ARIKO INTUMBEROYABO ARI UGUTOBA NONE NKABANYAMERIKA NKABOBARI IWANYU .? IVYOMUTWIFURIZA IMANA IBIBAHE IBIHETANGABO NDWI MURAKOZE.

  • KO AMASHIRAHAMWE MESHI ATERA AKAJAGARI KINTAMBARA BAVUGANGO BARIKOBARAFASHA ABANYAGIHUGU NAHO BARIBKO BARIFASHA KUGIRA BONONERE ABANYAGIHUGU NKABANYAMERIKA AYOMASHIRAHAMWE ATOBA NKAYO IYABA ARI IWANYU MURI AMERIKA MWOVYIFATAMWOGUTE ICO UDASHAKA KOBAKUGIRIRA NTUKIGIRIRE MUGENZAWE IVYIZA MWIFURIZA UBURUNDI IMANA IBIBIBAGIRIRE IBIHETANGABO (7)

  • ABANYAMERIKA AMAKENGA BATAGIZE BARIKOBATABURA UBURUNDI BAYAGIZE UBU. NIBAHAGARARE HANYUMA BUBAKE BAHEREYE AHO BAHEREREYE.

  • VYIZA ABO BITWA KO BARI MUMASHIRAHAMWE AVUGA KO YIGENGA KAND ADAHARANIRA INYUNGU ZA POLITIQUE BATANDUKANY IVYO BATEGEREZWA GUKORA NA POLITIQUE.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.