Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburyo buke bwatumye igisata kijejwe gukinga impanuka kidashika (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburyo buke bwatumye igisata kijejwe gukinga impanuka kidashika (...)

Uburyo buke bwatumye igisata kijejwe gukinga impanuka kidashika kw’ihangiro

jeudi 1er mars 2018

Mw’ijambo yashikirije, mu gihe hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe gukinga impanuka no gufasha abo zashikiye, kur’uyu wa kane igenekerezo rya 1 Ntwarante 2018, CP Antoine NTEMAKO yavuze ko ibihugu bihimbaza uwo munsi, kubera intumbero zibiri nyamukuru.

Umuyobozi mukuru w’igisata kijejwe gukinga impanuka no gufasha abo zashikiye mu Burundi, yamenyesheje ko uwo munsi uhimbazwa mu ntumbero yo kumenyesha abanyagihugu akamaro ko gukinga impanuka n’icokorwa mu gufasha abo zishikira.

CP Antoine NTEMAKO, umuyobozi mukuru w’igisata kijejwe gukinga impanuka no gufasha abo zashikiye mu Burundi, yavuze kandi ko, uwo munsi uhimbazwa mu ntumbero yo gutera intege igisata kijejwe gukinga izo mpanuka no gufasha abo zashikiye.

Mu migambi ya kazoza bafise, umuyobozi mukuru w’igisata kijejwe gukinga impanuka no gufasha abo zashikiye mu Burundi, CP Antoine NTEMAKO yavuze ko ibintu bitatu nyamukuru arivyo bigiye gukorwa.

« Tugiye kubandaniriza aho ibikorwa vyari bigeze, tugiye gushiraho igisata co mu mazi kijejwe gukinga izo mpanuka, tugiye gushiraho kandi igisata kijejwe kwegeranya ivyononekaye muri izo mpanuka. »

Mw’ijambo ryiwe, umwunganirizi w’umushikiranganji w’umutekano, CP NTAKAVURA Serges, yagarutse ku biharuro vy’ivyononekaye kuva ku ntango y’irima ry’umwaka wa 2018.

Yavuze ko abantu 49 bitavye Imana, inzu 2933 zirononekara, inzu 1225 n’ibirase 200 zirasambuka, n’amahagitare 14163 y’imirima arononekara.

Umunsi mpuzamakungu wahariwe gukinga impanuka no gufasha abo zashikiye wahimbajwe ku civugo :“Urwego rushinzwe gukinga no gutabara abashikiwe n’ibiza ruri hamwe n’izindi nzego z’igihugu mu gutunganya neza ibikorwa vyo kurwanya ibiza.’’


Callixte Carpe NDIKUMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.