IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubushikiranganji bw’agateka ka zinamuntu busaba amatohoza ku bana bahambwe (...)

Ubushikiranganji bw’agateka ka zinamuntu busaba amatohoza ku bana bahambwe babona

mercredi 17 janvier 2018

Mw’itangazo ryo kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 17 Nzero 2018, umunyamabanga ntayegayezwa muri ubwo bushikiranganji Felix NGENDABANYIKWA yavuze ko bateye ivyatsi ivyakozwe, aho abana bafatiwe mu murima w’ibigori, bahatswe guhambwa babona.

Umunyamabanga ntayegayezwa Felix NGENDABANYIKWA avuga ko mu bushikiranganji basaba ko amatohoza yihuta kubakoze ico caha yokorwa .

Felix NGENDABANYIKWA amenyesha kandi ko ubushikiranganji bushima inyifato y’abanyagihugu, kuko badomye urutoki abakoze ico caha.

Félix NGENDABANYIKWA, akemeza ko mu gisata kijanye n’ivyo gukingira abana hakiri ikibazo, bafatiye ku bibazo vy’abana bo mw’ibarabara, igitigiri c’abana b’impfuvyi biyongera, n’ibindi.

Abo bana bahohotewe bakaba bafise imyaka umunani uwundi imyaka icumi


BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.