IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu bwavuze icateye ubukene bw’igitoro ca (...)

Ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu bwavuze icateye ubukene bw’igitoro ca "Essence"

jeudi 5 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Ku budandaji bw’igitoro twashoboye gucako kuri uwu wa kane mu gisagara ca Bujumbura, igitoro co mu bwoko bwa "Essence" cariko kidandazwa aho bita kuri "Station Oree du Golf", KCO Station" hamwe no kuri Sitasiyo yegereye ikigo ndangamico (Musee Vivant).

Abaguzi bari batondeye ico gitoro baridoga ko batakaza umwanya w’akazi, bagasaba ko Reta yokwicarira ico kibazo bavuga ko cama cibonekeza.

Mu bushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu baremera ko habaye uguhungabana mw’itangwa ry’igitoro, bagasigura ko iryo hungabana ryatewe n’ihimbazwa ry’umunsi mukuru wa Pasika. Leonidas SINDAYIGAYA, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu :

"Nivyo muri iyi minsi ibiri canke itatu harabaye ihungabana ry’itangwa ry’igitoro, ico vyavuyeko ni kubera igitoro si ico twiyimburira ngaha iwacu, aho gisanzwe gica naho barahimbaza cane umunsi mukuru wa Pasika ku buryo rero haciyemwo n’umunsi umwe canke ibiri abapakira igitoro badakoze bica bihungabanya ivy’itangwa ry’igitoro. Twizeye ko mu mpera z’iyi ndwi ukwo guhungabana kuzoba kwaheze."

Abaguzi baganiriye n’ikinyamakuru IGIHE bafise amakenga ko hoba hari umugambi w’ukuduza igiciro c’ico gitoro, ivyo bakabivuga barabiye kuri kahise, aho imbere y’uko igitoro kiduzwa habanza ubukene bwaco. Leonidas SINDAYIGAYA arabahumuriza

"Kugeza ubu ntawovuga ko igitoro kigiye kuduga. n’ivyaheruka kuba ni kubera igitoro caduze kw’isoko mpuzamakungu."

Mu migambi ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu buvuga bufise kugira ico kibazo ntizoze kiribonekeza, harimwo gukomeza ububiko bw’ibitoro vy’integabizoza, ubwo bubiko buzoshirwa i Gitega, i Bujumbura, hamwe n’ubw’abikorera utwabo buzokwubakwa.

Mu Burundi hinjira ku munsi iritiro ibihumbi amajana ane vy’igitoro ku munsi, abakenera igitoro nabo bakaba bakoresha ku munsi hagati y’iritiro ibihumbi 12 na 14 z’igitoro co mu bwoko bwa "Essence".


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Iyo nsiguro iratangaje kandi irateye isoni kuko nta ciyumviro irimwo gikuze irimwo ! Ni irya mbere hahimbazwa Pasika mu karere igitoro gisanzwe gicamwo ??

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.