IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubushikiranganji bw’ibidukikije bwabujije kwubaka hadakwirikije amategeko (...)

Ubushikiranganji bw’ibidukikije bwabujije kwubaka hadakwirikije amategeko muri site ya Karama

jeudi 18 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Birabujijwe kwubaka hadakwirikijwe amategeko yo gutunganya ibisagara muri site ya Karama, mu buseruko bw’ibarabara rya RN1 mu makomine ya Mutimbizi na Isare.

Nk’uko biri mu rwandiko umushikiranganji w’ibidukikije hamwe n’ugutunganya ibisagara, Celestin Ndayizeye yarungikiye mugenzi we aramutswa ubushikiranganji bw’umutekano, umushikiranganji w’ibidukikije hamwe n’ugutunganya ibisagara asaba mugenzi ko bofashanya kugira bahagarike amazu ariko arubakwa hadakwirikijwe amategeko yo gutunganya ibisagara, muri site ya Karama yo mu ma komine Mutimbuzi na Isare yo mu ntara ya Bujumbura.

Urwo rwandiko rubandanya ruvuga ko izo nyubako ziriko zubakwa kw’isi itemba kandi hakaba hariko hakorerwa ibikorwa biciye kubiri n’amategeko vyo gucukura ikariyeri n’ivu ritukura.

Umushikiranganji Celestin Ndayizeye amenyesha kandi ko amazu ariko arubakwa muri ico kibanza, inyubako rusangi nk’ibarabara rya RN 1hamwe n’izindi nyubakwa ziri muri ico kibanza no mu micungararo y’aho, ko zobangamirwa n’ibiza bitewe n’imvura, kubw’ivyo agasaba mugenzi we w’umutekano ko yofasha kugira bahagarike iryo yubakwa, mu ntumbero yo gukingira ico kibanza.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.