IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubushikiranganji bw’ibikorwa vya Reta bwashikirije ivyaranguwe mu mwaka wa (...)

Ubushikiranganji bw’ibikorwa vya Reta bwashikirije ivyaranguwe mu mwaka wa 2017

vendredi 26 janvier 2018

Mu kiganiro ariko ashikiriza ivyaranguwe n’ubushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu,umushikiranganji Jean Bosco NTUNZWENIMANA yamenyesheje ko mu mwaka wa 2017, ibarabara rikuru inomero 3 rya NyanazaLac -Mabanda-Mugina rifise uburebure bw’imetero 45, ibarabara rya Nyakararo-Mwaro-Kibumbu hamwe n’igice ca kabiri c’ibarabra inomero 13 Makebuko-Ruyigi yasanuwe.

Umushikiranganji w’ibikorwa vya Reta, gutwara abantu n’ibintu amenyesha ko muri ico kiringo ,barihiye asiransi imodoka za Reta zishika303 ku mafaranga angana imiriyoni 269.564.550 y’amafaranga y’amarundi hamwe n’imodoka 26 zaguzwe zishikirizwa ubuzi butandukanye bwa Reta.

Ibindi vyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu mwaka wa 2017,n’ibijanye n’umugamvi wo gushira ku mabarabara yo mu gisagara ca Bujumbura amatara afasha ibisikanya ry’uruja n’uruza Feux tricolores mu gifaransa.

PNG - 478.3 ko
Jean Bosco NTUNZWENIMANA, Umushikiranganji w’ibikorwa vya Reta

Uwo mushikiranganji amenyesha ko, mu bikorwa bikirangurwa hari nk’ivyo gusanura no gusiga ibarabara inomero 5 rya Bujumbura –Nyamitanga, hamwe n’ikiraro kiri k’urubibe mu gatumba kiriko kirubakwa.

Umushikiranganji Jean Bosco NTUNZWENIMANA avuga ko ibikorwa bigiye kurangurwa mu mwaka wa 2018 ,ari ibijanye no gusanura ibarabara rikuru inomero 3 igice ca Bujumbura-Rumonge hamwe n’igice ca Rumonge -Nyanza lac,gusanura ibirometero 285 vy’amabarabara yononekaye mu gihugu hagati.

Ibindi bizorangurwa n’ubwo bushikiranganji n’ibikorwa vyo gusanura ikivuko ca Bujumbura,gusanura k’ubuhinga bwa none ikibuga c’indege mpuzamakungu ca Bujumbura,kwubaka ikibugu gishasha c’indege ca Kabamba mu ntara ya Ngozi, hamwe no gukurikirana ibikorwa vyo kwubaka ibarabara ry’indarayi rya Uvinza-Musongati.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.