IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubushikiranganji bw’imigenderanire bumenyesha ko bwatangajwe n’ingingo (...)

Ubushikiranganji bw’imigenderanire bumenyesha ko bwatangajwe n’ingingo y’ubuyobozi bwa COMESA

mercredi 23 mai 2018

Mu rwandiko rw’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ibindi bihugu rwo kur’uyu wa 18 Rusama 2018 , ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu bumenyesha ko bwatangajwe n’ivyashikirijwe n’umunyabanga mukuru wa COMESA haba mu vyo yanditse ku bijanye n’uko ibintu bimeze mu Burundi, mbere n’uburyo yatanzemwo ayo makuru.

Muri iryo tangazo, ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, amenyesha ko ibijanye n’amahoro n’umutekano mu Burundi, arivyo umunyamabanga mukuru wa COMESA yafatiyeko mu kwunguruza iyo nama, afatira ku gitero c’iterabwoba cabaye mu Cibitoke ku kirometero kimwe gusa n’igihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, ivyo n’avyo kandi biri muri Afrika nk’ahandi kw’isi.

Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu burahumuriza ibihuu bigize COMESA ko mu gihugu ari amahoro, bukisunga amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yabaye kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018, ko kubwabo yabaye mu mahoro n’umutekano.

Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu busaba abategekanijwe kwitaba iyo nama batariyandikisha kubandanya babikora.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • namwe muraraba muze mwikebuka murekekumera nka kagame burya uburundi bwahorana iteka nimwikebuke gusa amahoro azizana mugabo muburundi ntabwo harumugabo umwe mpore kirimwabagabo bashitsubugabo ntibatugaye hindura virgure ibe actrof

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.