IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abadandaza inzoga zitemewe n’amategeko bahawe iminsi itarenga (...)

Abadandaza inzoga zitemewe n’amategeko bahawe iminsi itarenga 60

mardi 6 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura avuga ko agiye kugwanya abata umwanda aho babonye. Umurwi ujejwe gukurikirana ivyo kwegeranya umwanda ukaba ugiye kujaho, nk’uko vyashikirijwe na Freddy MBONIMPA kuri uwu wa kabiri.

Abadandaza inzoga zitemewe n’amategeko nabo bahawe amezi atandatu kugira babe babihevye.

Muri iyo nama, Freddy MBONIMPA yashikirije kandi ko amasoko mashasha ariko arubakwa agiye kwinjirwa vuba, kuko ibikorwa vyo kuyubaka vyarangiye.
Abazohabwa ivyo bibanza bazotegerezwa gukingira ibidandazwa vyabo mu mashirahamwe yo gukinga impanuka, kugira bazoshobore gushumbushwa mu gihe isoko yoba ihiye.

Abataraja mu bibanza vyabo vyo kw’isoko ya Cotebu, Freddy Mbonimpa yabateye akamo ko kujayo, kuko uwutazoba ari mu kibanza yahawe mu mmpera z’uku kwezi kwa gatandatu, kizoca gihabwa uwundi.

Abandandariza hafi y’ahahora isoko nkuru ya Bujumbura, aho bita "Le grenier du Burundi", hamwe n’abadafise amazu yo kudandarizamwo, Freddy Mbonimpa yamenyesheje ko bagiye kujanwa vuba kw’isoko ya COTEBU, kuko ariyo soko nkuru.

Amazu hamwe n’ubutaka atararihigwa ikori, umukuru w’igisagara Freddy Mbonimpa yavuze ko kuva igenekerezo rya 31 Rusama, bahagaritse ico gikorwa, abasigaye bakazorihishwa ihadabu.

"Inyuma y’indwi zibiri, tuzosuzuma abandikishije amatongo bakongera bakarihira amazu yabo, abatarabikora nabo bazobandanya barihira amazu yabo hisunzwe amategeko yategekanijwe ku bantu batitavye akamo."

JPEG - 46.9 ko
Freddy MBONIMPA, umukuru w’igisagara ca Bujumbura

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura yahaye iminsi itarenga 60 abasanzwe badandaza inzoga zitemewe n’amategeko kugira bazobe bahevye burundu ico gikorwa.

Freddy MBONIMPA yamenyesheje ati : ”uwo tuzogendera mu rugo tugasanga adandaza izo nzoga, azohanwa bimwe bikomeye, ku buryo azoca yigira inama yo kubiheba burundu.“


Vianney BIKORIMANA

Messages

  • Ego ivyavuzwe nivyo ahubwo amategeko nakurikizwe! Kuko nkumu dring wowo na kanyanga vyagisibije kumwe naberekana ama cenema yubushirasoni kandi haba harimwo nabana bato.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.