IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubusuma mu ntara ya Gitega : Igiporisi cagiriza Urwanda

Ubusuma mu ntara ya Gitega : Igiporisi cagiriza Urwanda

dimanche 19 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Inyuma y’aho habereye ubusuma muri COOPEC i Gitega, ahibwe amafaranga y’amarundi agera ku miriyoni 66, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi yamenyesheje ko igihugu c’Urwanda arico kiri inyuma y’ubwo busuma.

OP1 Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi abishikirije inyuma y’aho hafatiwe abantu babiri bagiriza ubwo busuma. Umwe yafatanwe amafaranga imiriyoni zine, mu gihe uwundi yafatanwe imiriyoni zirenga gato icumi.

Nk’uko NKURIKIYE yabishikirije, abo basuma bakorana n’abashatse gutembagaza ubutegetsi bari mu gihugu c’Urwanda, bakabishwamwo n’ico gihugu nyene c’Urwanda.

JPEG - 95.5 ko
OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Umuvugizi w’igiporisi yemeza mbere ko n’ibiyovyabwenge (Drogues) baha abanyezamu n’abaporisi bacunga ahaba hibwe biva mu gihugu c’Urwanda.

Abaganga b’abashinwa nabo bibwe

Tubamenyeshe ko ubundi busuma bwabaye mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu mu ntara ya Gitega nyene, ahaba abaganga b’abashinwa.

Igiporisi co mu ntara ya Gitega kimenyesha ko abo baganga b’abashinwa bibwe amafaranga ibihumbi bibiri vy’amanyaburaya, ibihumbi bitanu vy’amadorare y’abanyamerika, hamwe n’imiriyoni zine z’amafaranga yo mu bushinwa.

Abo basuma batarafatwa bivye kandi n’amaterefone ngendanwa hamwe n’inyabwonko (Ordinateurs) z’abo bashinwa.


IGIHE

Messages

  • NONE ABO BANYARWANDA BARABAFASHE NUKWAMBIKURUBWA UGWANDA KWERI!

  • Ntasoni mugira maramarira hiyo, muriyibisha mwafatwa mukabura ico musigura mukabishira ku gihugu cigihangange nk’u Rwanda?shame on you Nkulikiye

  • Polisi y’Uburndi, reka abaciye ubwenge babereke. Ko abapolisi banyu ari abo kunwa za biyeri no gusahura abene Burundi ku mabarabara n’ahandi,bwagoroba kubera muba muborewe muca muja kuryama, reka babereke.

    Igihugu nti gicungerewe na gato. Ahari abapolisi n’abasoda bukuri, bugorovye niho baba batanguye gukora. Genda mu bisagara vyose vy’Uburundi bugorovye umengo igihugu carapfuye. Gende aho hakurya i Rwanda bugorovye abasoda bose baca baza gufasha umutekano namwe muba mucokeye mu bubare. Na none Abarundi twaramba.Muri agatukisha ngo muri inzego z’umutekano.

    Vyotangaza kandi muri abo hatabayemwo umupolisi y’Uburundi.
    Mbe biza gute ngo umupolisi yakire ikintu arya canke anwa c’umuntu atazi? Muzokwuzuza izo nda zanyu ryari?

  • mbega ubwo wewe ntakintu woba ubuze mumutwe ?erega usigaje kuvuga yuko ugwanda gwagutwaye ayusumisha nubugeguza mukubesha

  • ubwo nta nisoni, iyo uhora uvuga urwanda, ikibaye iburundi ngo ni urwanda ewe nkurumbi uri ikimaramare....

  • Ikimbabaza kurushibibindi vyose nizombonahozigezamaso ngonugwaruka gwa CNDD gwatayumurongo,abobagabo babanye politique batamba bazinanye,mbegandababaze kuri arusha yambere niyomwari,arikwabobagabo bose bebshimuribo niyobari ivyobavuganyicogihe nibobabizi rero nubundi barazingene bazobiheza ikitugutangaza uzosanga basangiye office nagacupa bagasangire none icogihe wewe uzoburihe?muburoko wagipfu we! Ivyovyose birikobiraba bazobigusukako kandi ntuzovyikura ndakubariye. Ejoburakeye ntuzoronka nahusabamazi kuko ukuzako wahemukiye incuti,ababanyi,abagenzi ngoniho bokwemera abontancuti bagira urabaza ababagaburiye igihe baribakiri mwishamba haciyakanya babitabarozi babakubitubufuni bwomumutwe bose barapfa uwongonumu G2 SIBOMANA IGNAS yari G2 mubuheka muri nyanza-lac, ntiwibaze ngokumuha iyo post ngo nubujuju muricogihe yarishabantu arasivya,nagomba ndababwizukuri ko urugamba rugiye kubahindukirira kandi muzoba mubwira imbonerakure yubwenge ubunicogihe Cayo coguhunga kandi abataribake babamaze guhunga ivyondabifitiye ivyemezo namazinayabo bamwe turayazi

  • Ikimbabaza kurushibibindi vyose nizombonahozigezamaso ngonugwaruka gwa CNDD gwatayumurongo,abobagabo babanye politique batamba bazinanye,mbegandababaze kuri arusha yambere niyomwari,arikwabobagabo bose bebshimuribo niyobari ivyobavuganyicogihe nibobabizi rero nubundi barazingene bazobiheza ikitugutangaza uzosanga basangiye office nagacupa bagasangire none icogihe wewe uzoburihe?muburoko wagipfu we! Ivyovyose birikobiraba bazobigusukako kandi ntuzovyikura ndakubariye. Ejoburakeye ntuzoronka nahusabamazi kuko ukuzako wahemukiye incuti,ababanyi,abagenzi ngoniho bokwemera abontancuti bagira urabaza ababagaburiye igihe baribakiri mwishamba haciyakanya babitabarozi babakubitubufuni bwomumutwe bose barapfa uwongonumu G2 SIBOMANA IGNAS yari G2 mubuheka muri nyanza-lac, ntiwibaze ngokumuha iyo post ngo nubujuju muricogihe yarishabantu arasivya,nagomba ndababwizukuri ko urugamba rugiye kubahindukirira kandi muzoba mubwira imbonerakure yubwenge ubunicogihe Cayo coguhunga kandi abataribake babamaze guhunga ivyondabifitiye ivyemezo namazinayabo bamwe turayazi

  • Nkulikiye afise jalousie ko Vice President wa Inde ari i Kigali,u Rwanda terimbere

  • Mugabo Nkurikiye yataye umutwe! kwagiriza ugwanda ubona vyokugeza kuki?, gucungera umutekano vyanse mugabo uriko uragiriza ugwanda? Uri ikijuju, turazi vyose mureke kuduhenda!

  • Biteye isoni kwagiriza igihugu ubusuma bwa miliyoni 66 z’amarundi atari n’amadolare! Nukuri nyakubahwa OP akazi karakunaniye kweli, ntaho vyabaye uretse mu Burundi!! kandi inyifato nkiyo itesha agateka U Burundi.

  • ariko vyanashoboka imisore yabarundi mbona ngaha atakintu nakimwe ikora inzara ibamereye nabi ngo barindiye ko ibintu bihinduka muburundi. barashobora kwiba kabisa

  • Hhhhhhhhhh Nkurukiye ntiyaraherutse gushinja ibinyoma u Rwanda nari narayobewe impamvu Leta yu Rwanda itajya ibasubiza ahubwo ntawasubiza abantu nka Nkurukiye kabisa . Ngaho namwe nimunyumvire ukuntu Leta yu Rwanda yaza kwiba miriyoni 60 frb nukuvuga miriyoni 10 zamanyarwanda yarabahaye miriyoni 500 zamanyarwanda mwabuze ayo gutanga muri EAC. Icyo ni kinyoma karundura numwana muto atakwemera. Ahubwo police yanyu yirirwa inywa byeri gusa gucunga ibyarubanda wapi. Abarundi mugeze habi Imana ibafashe

  • Ari Kagame ari Nkurunziza ni Nyeshamba zisa, zishobora kuba Ibisuma. Kano karere
    k’ ibiyaga binini kazoruhuka ata Kagame canke Nkurunziza bagitwara.

  • Ariko mu Burundi musigaye mwarasaze ntakindi narenzaho/mukomeze mukore ayo mafuti umunsi numwe ntawarushaga ubuhangange zairer,namibie.zimbabwe.angola muzababaze bazobacira kumayange inkotanyi icyaricyo.akagabo gahimba akandi.....

  • @Sanani,ntukagereranye Nyakubahwa kagame na Peter Nkurunziza erega FPR yafashe igihugu,Peter ntana commune nimwe yigeze afata iyo hataba Buyoya ngo abahe igihugu

  • Hhhaahh Nkurikiye yataye ubwenge ,u Rwanda rwadutangiye 1 milliard Fbu muri EAC hama ngo rwoza kwiba ayangana na 10 Million Francs rwandais? uriko urasuzugurisha u Burundi,ujinga mzigo

  • yooo leta y’Uburundi turazi ko yuzuye ibinyoma amahera turaz neza ko ari nkurunziza ayatumako abarundi twaciye ubwenge zamani sha!!!!!

  • abajuramwasanze,arabanyaRwanda.?arikouRwanda,mushakaho,akamunani.urwanda,ntirushigikira.amafuti,ibiyobyabwengentabwobivamu,rwanda,murambabaje.urwandanigihugucyizakirimwo’abagituye,baziubwenge.

  • arikomuribukaIsokoya.Bujumbura.isha.murabizi,urwanda,rwaratabaye

  • pauvre robelles burundais. hasigaye ko mugwara korera na bwaki kubera umwanda n’imirire mibi then ngo ni u Rwanda rubateza izo ndwara. ariko jye rimwe na rimwe njya mbagirira nicigongwe. ubundi uretse kuba ntanuwo mugisekuru cyazi ngigwa ndongozi zu burundi vyibura mubisekuru vyanyu hari ivyigeze bihakwa (servants et servantes) mundongozi za nyazo zayoboye uburundi muri dans les annees passEe? nugute wansigurira ukuntu umuntu avumbuka mumvoka ngo nje kuba president? ni gute wofata un simple embecille nka nkurikiye ngo ni umuvugizi wi gipolisi. ni gute wansigurira ingene igisagara ca bujumbura co muri 1975 ciruta ubwiza icanone. bujumbura yabaye amatongo neza neza ndaQ.burundi urashavuza cane.

  • Wagira ngo u Rwanda rutegeka no mu Burundi ku buryo nta barundi bagituye mu Burundi ari Abanyarwanda gusa. Abanyarwanda baza kwiba mu Burundi gute kandi u Burundi bufite ingabo, Abapolisi, Imbonerakure bacunze imipaka no mu gihugu imbere. Ariko ntawabagaya niko mu meze, politiki yanyu n’umwana uvutse arayibarusha pe. Uko se ikintu cyose ni urwanda, ntabwo mukibasha gutandukanya u Rwanda n’u Burundi cyangwa Abarundi n’Abanyarwanda? Iyo complexe izabokame, naho u Rwanda rukomeze rutere imbere. Les chiens aboient, la caravane passe.

  • Hhhhhhh Nkurikiye niyo umureba mu maso ubona ari farsseur kbsa ubona ibyo avuga aribyo baba bamwandikiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.