IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubuzima bwa NDADAYE Melchior amaze imyaka 24 agandaguwe

Ubuzima bwa NDADAYE Melchior amaze imyaka 24 agandaguwe

samedi 21 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu gihe mu mugambwe Sahwanya FRODEBU no mu gihugu cose bibuka urupfu rwa NDADAYE Melchior kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 21 Gitugutu 2017, twashimye kugaruka ku buzima bwiwe n’ivyaranze ingwano ya politike yashikanye umugambwe FRODEBU ku ntsinzi yo mu matora yo mu mwaka w’1993.

Melchior Ndadaye yavukiye mu ntara ya Muramvya i Murama, kw’igenekerezo rya 28 Ntwarante 1953. Abavyeyi biwe ni Piyo Ndadaye na Thérèse Bandushubwenge. Melchior Ndadaye ni imfura mu bana cumi. Umupfasoni wiwe ni Laurence Nininahazwe, bavyaranye abana batatu Guéva, Tika na Libertas. Inyuma y’amashure matomato (1960 - 1966), yaciye abandaniriza ayisumbuye i Gitega. Mu ntureka yo mu mwaka w’1972, yaciye aja kubandaniriza amashure mu gihugu c’Urwanda kuri Groupe Scolaire de Butare (Rwanda). Hagati y’imwaka w’1975 n’uw’1980, niho yaronka impamyabushobozi muvy’indero kuri Institut Pédagogique National du Rwanda.

Melchior Ndadaye yahavuye atangura ibikorwa vya poritike, aho kw’igenekerezo rya 3 Nzero 1976 yatanguza umurwi w’abanyeshure b’abarundi biga mu Rwanda (Mouvement des Étudiants Progressistes Barundi au Rwanda (BAMPERE). Yararongoye uwo murwi gushika mu mwaka w’1979.

Muri Myandagaro umwaka w’1979, yaratanguje umugambwe UBU w’abakozi bo mu Burundi (Parti des Travailleurs du Burundi), ariko ntiyawutevyemwo kuko mu mwaka w’1983 yaciye awuvamwo kuko yabona udafise intumbero nk’iziwe mu kurondera intwaro rusangi mu Burundi.

Mu mwaka w’1986, Melchior Ndadaye ari mubatanguje umugambwe FRODEBU (Front pour la Démocratie du Burundi) wahavuye wemererwa gukorera ku mugaragaro mu mwaka w’1991. Yarawurongoye gushika aho awushikana ku ntsinzi mu matora y’umukuru w’igihugu n’ay’abashingamateka yabaye kuva igenekerezo rya mbere gushika kurya 29 Mukakaro 1993.

Muri ayo matora y’umukuru w’igihugu yari yaserukiwemwo na Ndadaye Melchiol, umugambwe Sahwanya FRODEBU wari ushigikiwe n’iyindi migambwe itatu PP, RPB na PL.

Ku genekerezo rya mbere Ruheshi 1993, Melchior Ndadaye niho yatsinda ku ncuro ya mbere mu matora y’umukuru w’igihugu ku majwi 64,79 kw’ijana, arushije Petero Buyoya (ku majwi 32,47 kw’ijana) yari yaserukiye umugambwe UPRONA (Union pour le Progrès National). Mu kibanza ca gatatu hari Petero Karaveri Sendegeya yari yaserukiye umugambwe PRP, ku majwi 1,44 kw’ijana.

Nk’umukuru w’igihugu wa mbere atowe n’abanyagihugu, Melchior Ndadaye yari umuhutu arongoye igihugu cari kimaze imyaka n’imyaka kirongowe n’abatutsi.
Ntivyabujije ko Ndadaye Melchiol agena umututsikazi Sylvie Kinigi nk’umushikiranganji wa mbere wa Reta yiwe. Niwe mukenyezi wa mbere yari ashinzwe amabanga akomeye muri Reta nk’umushikiranganji wa mbere.

Mw’ijoro ryo kuwa 20 rishira uwa 21 Gitugutu umwaka w’1993, niho ubutegetsi bwa Ndadaye Melchior bwatembagazwa, agirako aragandagurwa, co kimwe na Pontien Karibwami, umukuru w’inama nshingamateka, Gilles Bimazubute, icegera c’umukuru w’inama nshingamateka, hamwe na Juvénal Ndayikeza, umushikiranganji w’iterambere ry’amakomine.

Inyuma y’urwo rupfu rw’umukuru w’igihugu Ndadaye Melchior n’abandi bategetsi benshi b’abahutu, mu Burundi bwose haradutse intambara yahitanye abarundi isinzi, abandi barahunga igihugu.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.