Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ugukorana hagati ya ONU n’ubumwe bwa Afrika kwemejwe
Ugukorana hagati ya ONU n’ubumwe bwa Afrika kwemejwe
jeudi 20 Ndamukiza 2017, par
Amasezerano y’ugukorana hagati y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yateweko igikumu kuri uwu wa gatatu, hagati y’impande zompi. Ayo amsezerano avuga ugukorera hamwe mu bijanye n’amahoro n’umutekano, hamwe n’ingene ayo mashirahamwe azotuza imvururu n’intureka ku mugabane wa Afrika.
Antonio Guterres, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, yamenyesheje ko ayo mashirahamwe uko ari abiri yompi yatahuye ko bikenewe ko yokorana mu bijanye n’amahoro, umutekano, iterambere ridakumira, agateka ka zina muntu hamwe n’intwaro ibereye.
Ku ruhande rw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, Moussa Faki Mahamat, aramutswa iryo shirahamwe, avuga ko ayo masezerano abaye mu gihe kidasanzwe, aho Afrika iriko irahangana n’ibibazo vy’intambara, iterabwoba, abimukira batera biyongera hamwe n’abahunga inzara.
Abo bategetsi bavuze kandi ko bagiye kwicarira umugambi w’iterambere rirama hamwe no gushinga ubuzi ku bakiri bato, bagwiriye ku mugabane wa Afrika.
IGIHE
Messages
20 Ndamukiza 2017, 13:16, par ndihokubwayo donatien
Nivyiza Vraiment
20 Ndamukiza 2017, 14:01, par BADI
L’AFRIQUE RESTE ET RESTERA SOUS LES PLUMES DE L’OCCIDENT. CET ACCORD N’EST QU’UN INSTRUMENT DE CONTRÔLE DE TOUTE L’AFRIQUE. LA COLONISATION QUI CONTINUE!!!!!!!!!!!!
20 Ndamukiza 2017, 14:12, par Wakera
Nibaze badukureko intwaro yigikenye kuko yaturambiye! Gatinyashengero atakija ahabandi banyacubahiro bakoraniye yomoke!
20 Ndamukiza 2017, 19:46, par Mediator
Gukorana ni vyiza mwihute no guca mutuzanira intagondwa zashatse gutembagaza ubutegetsi mu Burundi bibata kuwamazi!!!!Ikibazo tutazi ni uwo baharanira kuko ubu mu Burundi amoko yooooose twibaniy amahoro!!!!
21 Ndamukiza 2017, 07:30, par gipilili
kubera iki basinye kugira barabire hamwe ivya afrika bobo iwabo nko kumugagane wa burayi nahandi ntaterabwoba, ntanzara bihavugwa?ahubwo iyo bavuga kwigira hamwe ingorane zihanze isi apana afrika.emwe turacari muri colonisation kabisa