IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > ’’Ukutagira akazi ku rwaruka ni kimwe mu bituma rudatera imbere’’-AJAP

’’Ukutagira akazi ku rwaruka ni kimwe mu bituma rudatera imbere’’-AJAP

vendredi 19 janvier 2018

Nkuko biri mu cegeranyo, c’ivyaranguwe muri iryo huriro, ingorane nyamukuru zituma urwaruka rwa Afrika rudatera imbere, ahanini ni ukutagira akazi, ukutiga amashuri, ukudaserukirwa mu burongozi, umutekano muke, n’ibindi.

Eric NSENGIMANA, aserukira AJAP mu Burundi, avuga ko iryo huriro rifise akamaro kanini ku rwaruka, rikabatuma basabikanya ubumenyi butandukanye mu kwigira hamwe ingene bogwaniriza hamwe ikibazo co kutaronka akazi.

JPEG - 49.1 ko
Eric NSENGIMANA,Arongoye ishirahamwe AJAP

Umukuru w’ishirahamwe AJAP avuga ko, ivyo urwaruka rwobishikako, mu gihe boba bagiye hamwe bakiyungunganya, bakiga ndetse n’ibibazo vy’umutekano,intwaro ibereye, ubutungane, n’ibindi.

Amani KAMANDA Jacques, umwigisha muri Kaminuza, yamenyesheje ko kugira izo ngorane zitorerwe inyishu, urwaruka rukwiye gufashwa rugaserukigwa mu ntwaro, ataka mwana wa mama kagiyemwo, bakitabwaho kuva bakiri bato, na cane cane bakaronswa uburenganzira bwo kwiga amashuri bafise n’uburaro n’imfungurwa.

Amani KAMANDA Jacques, yahanuye urwaruka kuba maso, bakabona iyo isi iriko iraja, bakagira indoto za kazoza kabo keza, bakongera bagakunda ibikorwa.

Nkuko biri muri ico cegeranyo, urwaruka rwa Afrika rugera ku miriyoni 405 bageze gukora akazi, ariko 60% bakaba ata kazi bafise. Muri Afrika y’ubumanuko (subsahalienne) , 63 % vy’abanyagihugu bakaba bafise imyaka iri munsi ya 25


BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.