Accueil > Amakuru > u Burundi > Ukutamenya amategeko kuri mu bituma agateka ka zina muntu gahungabana
Ukutamenya amategeko kuri mu bituma agateka ka zina muntu gahungabana
mercredi 9 Myandagaro 2017, par
Umushikiranganji w’agateka ka zina muntu, Martin NIVYABANDI yamenyesheje ko n’aho uburundi buheruka guca mu ndyane za poritike zatumye agateka ka zina muntu gahungabana ko ubu umutekano wasubiye kuboneka, bikazotuma bibera akarorero buri muntu kugira aterere mu guteza imbere kubahiriza agateka ka zina muntu.
- Martin NIVYABANDI, umushikiranganji ajejwe agateka ka zina
Icegera c’umukuru w’umugambwe FRODEBU, Leonce NGENDAKUMANA yamenyesheje ko ibikenewe vyose kugira agateka ka zina muntu kubahirizwe ko bihari, ariko ikibura mu gihugu ari uko ata mugenzo w’intwaro rusangi uhari bigatuma ako gateka gahungabana.
Kugira agateka ka zina muntu kubahirizwe, hoba ukwigisha abanyagihugu amategeko abagenga kugira bayamenye n’ingene boyagwanira hamwe no kuvavanura n’abaja ku butegetsi canke bakabuvako biciye mu nguvu hamwe no kutabuza abantu gushikiriza ivyiyumviro vyabo.
- Leonce NGENDAKUMANA, icegera c’umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU
Icegera c’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD Joseph NTAKARUTIMANA avuga ko ivy’agateka ka zina muntu ari igikorwa ca misi yose kuko ata gihugu na kimwe kw’isi usanga agateka ka zina muntu kifashe neza cane.
Joseph NTAKARUTIMANA yavuze ati : "Nta gihugu na kimwe kw’isi bazokubwira ko ivy’agateka ka zina muntu bimeze neza cane ”
Abitavye iyo nama basavye ko hoba urwego ruhuza inzego zose zijejwe agateka ka zina muntu kugira bazoze barigira hamwe uko agateka ka zina muntu kifashe.
Vianney BIKORIMANA