IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuco kw’iyirukanwa rya Caporal-chef Léon Niyonkuru muri AMISOM

Umuco kw’iyirukanwa rya Caporal-chef Léon Niyonkuru muri AMISOM

samedi 11 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Umusirikare w’Uburundi, Caporal-chef Léon Niyonkuru, aheruka kwirukanwa mu bikorwa vya AMISOM muri Somaliya, akaba yashitse ahagarikwa, agishika ku kibuga c’indege ca Bujumbura.

Amakuru yaciye ku mbuga ngurukanabumenyi yavuga ko Caporal-chef Léon Niyonkuru yirukanwe muri Somaliya, agashika atabwa muri yompi n’igendereza ry’Uburundi. Ayo makuru ntiyatomora ariko icatumye uwo musirikare yirukanwa. Mu gisirikare c’Uburundi batanze umuco.

Colonel Gaspard BARATUZA, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi yamenyesheje ko Caporal-chef Léon Niyonkuru yigenjeje nabi, mu kurenga amategeko agenga abasirikare barungitswe kugarukana amahoro muri Somaliya. Uwo musirikare yafashwe ariko yiyunguruza mu muduga muri Somaliya, kandi atari yabiherewe uruhusha. Haciye hafatwa ingingo y’ukumwirukana akagaruka mu Burundi, nk’uko bivugwa na Colonel BARATUZA.

JPEG - 51.1 ko
Colonel Gaspard BARATUZA, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi

Ashikanwe ku kibuga c’indege ca Bujumbura, yaciye afatwa kugira ikibazo ciwe gishikirizwe inzego zibijejwe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.