IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umugambwe CNDD FDD utegekanya gusezerera ibiganiro vy’i Arusha

Umugambwe CNDD FDD utegekanya gusezerera ibiganiro vy’i Arusha

vendredi 2 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi mu Burundi umenyesha ko ugiye gusaba ko ibiganiro bihuza Abarundi birongowe n’umuhuza Benjamin William MKAPA vyatahukanwa mu Burundi akaba ariho bibera. Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD avuga ko muri ivyo biganiro hatotumirwa abaronderwa n’ubutungane.

Mu kiganiro kuri uwu wa kane, aho indongozi nshasha za CNDD FDD zariko zibuka amezi atatu aheze zitowe, Evariste NDAYISHIMIYE yashikirije ko yipfuza ko isango ry’ibiganiro ririko ritegurwa i Arusha ryoba irya nyuma, kuko bazosaba umuhuza ko ivyo biganiro vyobandaniriza mu Burundi.

Umunyamabanga mukuru wa CNDD FDD avuga ko abarundi batocika intege kubera ibihugu vyahagaritse imigenderanire n’imfashanyo ku Burundi.

Evariste NDAYISHIMIYE agira ati : "Nagira ndemeshe abarundi harya ni ukugira badukomeze mu mitima. Iyo abantu bagutaye ukaba ruhebwa, bakakwita igikoko, ukabura n’uwuguha amazi, impera n’imperuka ni wewe uvamwo umuntu kuko uca urinda ntakiba kikikwononera umutima, kandi niko tuzomenya kwibako. Mu gihe twari twaramenyereye gusega ntitwigeze tuba abantu bakomeye."


IGIHE

Messages

  • komera mutama wacu turinyuma yanyu kandi turabashikiye ego nivyo nibabizane ino ibirundi nuko nimwirambire

  • ico kirwari kivuziki uyomwicanyi kinwamarasa

  • Mbega igihe ibiganiro vyatumye cdd fdd ironka intsinzi nti yaronderwa n’ubutungane?nimwemere busabikanye duke mufise kugira haboneke amahoro arama!

  • Reka reka kuba ubesha abantu,wewe kuriko urasakira twebwe tuzorinda gute dushonje,uko s’uguhenda abantu aho nta n’isoni ubivugana ga Never,ubwo we warize kuheruka guhenda abantu nguriko usoma ibitabo bakwandikiye

  • ahubwo nta numutima agira nukubera azi ivyoyasahuye bitazohera vuba muga arabesha

  • Aba DD hatabonetse abagabo NGO banfate intwaro babarwanye ntibazapfa bemeye ibiganiro bafite akagaye na gasuzuguro keshi burya itwaro za Bahuntu zikurwa nu muheto nabantu batumva inama itwaro zabo zintera ikibazo Ubu naho Nkurumbi agomba gusigira abarundi amarira kubera kutumva imana bamugira

  • Bayina nivyo nukugira mukomantare imitima nkibikoko!Abanyagihugu turatubitse uwavubi namwe mutuburuye yoooh, niwivugire ntuze nivyo!Uburundi bwo muza kubusigaramwo mwe na nkuru!

  • Turiko turahwera nubukene ukavuga uko nta mutima kabisa me Uhoraho aratubona tuzobaho kubwu uwatusemye

  • Gutukana vyo mwaravyigiye!

  • Turihamwe mutama ubivuze neza kuko ivyuvuze vyose biratomoye haba kubiganiro kovyozabirabera mu Burundi baryanabo baronderwa nubutungane ntibabibemwo canke baze bitabire ubutungane bezwe canke bagirwe nicaha maze nibezwa bazobandanye kujamubiganiro nkabandi. Bariyanabo bajanye nyabahururu kobera vyabikoko vyagumurabandi bazokwitabira ibiganiro ariko nibakoresha ya politique ngo ntibizeye umutekano wiburundi muzokwigirehamwe icobaremesha bakarema mumutima maze baze bitabire ibiganiro. Icizakiri mukubera mu Burundi kwivyobiganiro nuko indege zogushomba abarundi ibihumbi nibihumbagiza zibakura Burundi zibajana arisha zogabanuka, ariko bariyabarundi baripanze indege zokubazana zobazike kuko nibake cane.
    Nayo kukudufatira ibihano baturenganya ukwonukudukomeza kuko iyowigumije niho murikazoza abomuzokorana baba bazoza baririnda kugukangisha, nimwibazenamwe kuvatwikukiye dufashwa ariko tukaba tukiri igihugu gikenye kw’Isi !!! Nonebadufasha gukena? Nabobokwibaza kudufasha kwabo icokwasigura, jewe ntibintangaza kuko nubu ngokugira badufashe guterimbere ngonitwenere ko turiko turategura GENUCIDE canke ngohaze abasirikare mpuzamakungu ngomaze uburundi bucebutera imbere! Yemwe biratangaje! Nimuze mwese barundi turondere iyindi nzira yotuma uburundi butera imbere niyo izozindi tunazemwo imyaka irenga 50 zigatuma tuba mubihugu bikenye kurusha ibindi tuzirinde ntitube arizo dushira imbere tuzihe ikibanza cakabiri maze turondere iyindi nzira dushira mukibanza cambere.

  • Kiretse uwoba ashitse aho ageze kubera gusabiririza, iri jambo ntawutorishigikira. Izo mfashanyo zisabako tubanza kumenja kugira tuzihabwe ntawuzipfuza kanatsinda IL VAUT MIEUX MOURIR DEBOUT QU’A VIVRE AGENOUILLE.

  • MWARI MWADUTEBEYE KUBIKURAYO MUBURUNDI IVYICARO BIRIHO KANDI NTA KWICARANA NUMUNTU ARONDEGWA NUBUTUNGANE

  • Evariste NDUWIMANA, wewe wumva ukwije mumutwe? ntamugabo akwije yovuguko!.Nitegereje ukugene abantu bariko barapfa ni nzara ngaha muburundi, ukavuguko ncabona yuko atamuntu urimwo.Ibiganiro navyo uvuga, bitegerezwa kubandaniriza muri Tanzania, kuko aberwa nibiganiro nibo mwita abansi banyu. ngaha ntamutekano wabo woburiho, kabiri, mwebwe igihe mwariko murica abarundi komutemeye kuza kugiriribiganiro ngaha muburundi ?.Mukanka ibiganiro naho, hazofatwa izindingingo zisumba izafashwe,ikibabaje numwenigihugu azohabarizwa.

  • "Imana Irakunda Uburundi N’ABARUNDI"

  • araharur imboner kure asigaranye kombon zahez zihunga inzara.

  • NTAWOBARENGANYA UMUNTU NYENE ABUZUKWABIGENZA YIHAGARARAKO!NONE NIMWABANDANYA KUTUNUNUZA AMARASO AGAKAMA,MUZOCA MUBIGENZA MUTE!UKO NUKWIDIGADIGA,HENDA IVYO BIBONO VYANYU NYE VY-INDEBERAKURE KANDI NAVYO NYENE BIBONAKO BITUNZWE N-UKUNYAGA INZIRAKARENGANE!NTAWUTOGUSEKA NAHO YOBAFISE IBIGUNUGUNU!MURATEYAGAHINDA N-IKIGONGWE KWELI!

  • NTAWOBARENGANYA UMUNTU NYENE ABUZUKWABIGENZA YIHAGARARAKO!NONE NIMWABANDANYA KUTUNUNUZA AMARASO AGAKAMA,MUZOCA MUBIGENZA MUTE!UKO NUKWIDIGADIGA,HENDA IVYO BIBONO VYANYU NYE VY-INDEBERAKURE KANDI NAVYO NYENE BIBONAKO BITUNZWE N-UKUNYAGA INZIRAKARENGANE!NTAWUTOGUSEKA NAHO YOBAFISE IBIGUNUGUNU!MURATEYAGAHINDA N-IKIGONGWE KWELI!

  • Nabumvirij mbur ico ndabumvumw mbe munda haray inzar ntihavyuk inzigo?worinda gute waray ubusa ?murik muraturya duhema mw,aba DD mwe muzopfa muri abamywamaraso.

  • @chritian(Nzoyihera Intagoheka).urumumenja turakuzi gose.

  • KANYOSHA wewe niwurumumenja, kuko wirirwa urahedwa nankurunziza ngo niwi ce nihe uzoronka ibibanza mugisagara ahagaaaaa! yarakubeshe uzopfa utonze kwivunja ndakurahiye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.