Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambwe FROLINA uramutswa abarongozi bashasha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe FROLINA uramutswa abarongozi bashasha

Umugambwe FROLINA uramutswa abarongozi bashasha

lundi 13 Ntwarante 2017

Umukenyezi Cécile NSHIMIRIMANA niwe yemejwe n’abanywanyi b’umugambwe FROLINA ngo arongore uwo mugambwe mu matora yabaye kuwa gatandatu igenekerezo rya 11 Ntwarante,umwaka wa 2017.

Naho hatanguye kuba impari, hagati y’uwahora ari icegera c’umukuru w’umugambwe hamwe n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe basohotse ahariko habera amatora bavuga ko ikoraniro ryatumweko hadakurikijwe amategeko,abayoboke b’umugambwe FROLINA bemeje kandi Dieudonné RUSHINGIRA kuba icegera c’umukuru w’umugambwe hamwe na Egide NGENDAKUMANA kuba umunyamabanga mukuru w’umugambwe.

Mw’ijambo ryiwe ahejeje kwemezwa n’abanywanyi, Cécile NSHIMIRIMANA umukuru mushasha w’umugambwe FROLINA yavuze ko umugambwe arongoye ari umugambwe wigenga kandi ko ushigikiye inzego zirongoye igihugu.

Cécile NSHIMIRIMANA yamenyesheje ko umugambwe arongoye ushigikiye ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro kandi ko ushigikiye ibiganiro bihuza abarundi bibera hagati mu gihugu hamwe n’ubwigenge bw’igihugu.

Ku bijanye n’amatora azoba mu mwaka wa 2020, umukuru w’umugambwe FROLINA Cécile NSHIMIRIMANA yavuze ko umugambwe FROLINA uzokwitaba ayo matora uri mu runani.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.