Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukenguzamateka mushasha w’intara ya Muramvya yatowe
Umukenguzamateka mushasha w’intara ya Muramvya yatowe
vendredi 5 Rusama 2017, par
Abari mu manama mpanuzwajambo yose y’amakomine agize intara ya Muramvya batoye kuri uwu wa kane igenekerezo rya 4 Rusama 2017 umukenguzamateka mushasha asubirira Celestin NDAYIZEYE aheruka gushirwa muri Reta y’Uburundi, mu kibanza c’umushikiranganji Emmanuel NIYONKURU yagandaguwe.
Claver NDUWIMANA, umututsi wo mu mugambwe CNDD FDD avuka muri komine Rutegama niwe yatowe nk’umukenguzamateka mushasha w’intara ya Muramvya. Yatowe ku majwi 76 kuri 79, ni ukuvuga ibice 96,2 kw’ijana.
Ayo matora yabereye ku murwa mukuru w’intara ya Muramvya
IGIHE
Messages
5 Rusama 2017, 09:39, par Wakera
Iyo mbonerakure bagize ngo yatowe muriryo kinamico izopfa yangara kubera inyaga yayo ntizigera yuzura!!! Azohembwa nka mugenziwe w’i Makamba Ntasano aherutswe gushimirwa kuko yakoreye Nangayivuza!!!!
5 Rusama 2017, 15:24, par Ndagutwebze
Wakera, Uzopfana intuntu sha, burya umutusti ari muri CNDD FDD mumwita kwa korera inyaga yiwe? Iyaza kuba akorera uprona ho yobaye arigukorwra ikiiiii?
6 Rusama 2017, 17:51, par Mob
Uwo mututsi bamwita mpemuke ndamuke
7 Rusama 2017, 14:49, par Mediator
None bamwe bakunda guta umwanya ngo Leta y,uburundi iriko yic a abantu none kandi itegura genocide ikibazo: ko igizwe n,abahutu n,abatutsi ubundi bwoko Leta iriko irica babwita gute? Stupid !!!! Icara hasi tubatware mpaka Yesu agarutse !!!!! Nshimire abakozi ba IGIHE mukudushikiriza vyose biba mu gihugu twebwe ntituba hiyo ariko many thank in deed for your effort by the way you let us know every event !!! Be blessed